IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatwa bakwije ibisabwa basabwa kuja kwiyandikisha kugira bazokwitabe (...)

Abatwa bakwije ibisabwa basabwa kuja kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora

lundi 12 février 2018

Umushingamateka SUKUNOBA Vincent avuga ko mu batwa ari nabo basanzwe baserukira mu nama nshingamateka, harimwo abatahura ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro hakaba n’abandi batabitahura, kuko ari uburenganzira bwabo.

Kubw’umushingamateka SUKUNOBA Vincent, mu gihe hatunganywa umwanya wo gusigura ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro, abatwa baserukira abandi bari batumiwe kandi baritavye.

JPEG - 30.1 ko
Hon SUKUNOBA Vincent, arongoye umurwi w’abashingamateka b’abatwa

Uwo arongoye umurwi w’abashingamateka b’abatwa, ahamagarira abajejwe intwaro kworohereza abatwa baja gusaba ikarata karangamuntu kugira bashobore kuronka uburenganzira bwo kwiyandikisha nk’abandi barundi bose.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kikazorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Mu murwi CENI bamenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.