Accueil > Amakuru > u Burundi > Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe
Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe
samedi 24 Nyakanga 2016, par
Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe kuri uwu wa gatanu, inyuma y’iminsi icenda yari iheze yitavye, apfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, mu gisagara ca Bujumbura. Igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko uwo musirikare w’Uburundi yapfuye yiyahuye na gerenade.
Ishungurwa rya Adjudant Eddy Claude NYONGERA ryabereye mw’itongo ry’abapfuye riri ku Mpanda, inyuma y’inkuka y’imisa yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi.
Uwo musirikare ashinguwe inyuma y’aho incuti n’umuryango wiwe bamenyeshereje ko batarahabwa igipapuro (Attestation de décès) cemeza ko Adjudant Eddy Claude NYONGERA yapfiriye mw’igendereza ry’Uburundi. Ico gipapuro cotanzwe n’igendereza ry’Uburundi, kikaba arico umuryango wiwe wari kwerekana kugira uhabwe ikiziga ciwe cari kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled. Amakuru atangwa n’abegereye umuryango w’uwo musirikare avuga ko ico gipapuro (Attestation de décès) bahavuye bagihabwa n’ubuyobozi bwa komine Mukaza, n’aho nyene kuri ico gipapuro bakaba batavuze ko uwo musirikare yapfiriye mw’igendereza ry’Uburundi. N’igipapuro cemeza ko uwo musirikare yapfuye (Certificat de décès) catanzwe n’ibitaro vya Roi Khaled kikaba kitavuga icishe uwo musirikare.
- Adjudant NYONGERA Claude yapfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, i Bujumbura
Igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier), Adjudant Eddy Claude NYONGERA yitavye Imana ku muhingamo wo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2016, apfiriye ahakorera igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo musirikare yiyahuye akoresheje gerenade.
Adjudant NYONGERA Eddy Claude yari yafashwe yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu. OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarasiguye uko vyagenze.
"Hari igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu aho umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) yitwa Adjudant NYONGERA Eddy Claude asanzwe akora mu biro bikuru vy’igisirikare yiyahura akoresheje gerenade. Uwo musirikare yari yafashwe uno munsi mu gatondo, akaba yariko arabarizwa aha mu biro bikuru vy’igendereza ku vyaha bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu."
"Yiyahuye bahejeje kumubaza"
Mu gihe inyamiramabi (OPJ) zibiri zari zihejeje kumubaza, Adjudant Eddy NYONGERA Claude yateye umukono ku cegeranyo c’ivyo yabajijwe (procès verbal), aca ariyahura nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE.
"Niho rero bahejeje kumubaza, yahenda umu OPJ yari ahejeje kumubaza, y’uko yomureka agasohoka hanze gato, ko hari ico yibagiye kubwira umu OPJ yari yabanje kumwumviriza ubwa mbere. Niho yaca ashika mu kindi cumba, aca atora gerenade muri arya magerenade baba bafatanye inkozi z’ikibi. Baca baramubona ko ayitoye, baragerageza kurwana nawe kugira bayimwake, ariko yaciye ayugurura. Bamaze kwumva ko igira iturike bahavuye baca biruka ica iraturika ihitana ubuzima bwiwe."
Adjudant NYONGERA Eddy Claude yaba muri zone ya Buterere, mu komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yakorera mu biro bikuru vya gisirikare (Etat-Major).
IGIHE
Messages
24 Nyakanga 2016, 12:49, par Musaga
Imana imwakire mu bwami bwayo
24 Nyakanga 2016, 14:07, par Emanuel Nzeyimana
Nikubamaso Nigihe ciherezo Kuko Kubeshavyatse Indaro Mubarundi.
24 Nyakanga 2016, 15:44, par nkotanyi
Birababaje cyane kuba abasirikare i Burundi mukomeje kwicwa nk’ ibimonyo murebera ?? umuntu w’ umusivile nka peter koko muramurebera abica mugacwceka koko ?? ndabagaye muri ibigwari rwose
24 Nyakanga 2016, 17:33, par fdn
ww wiyita inkotanyi bugira icu wubaha president wacu sumu civile yaragwanye hama ikindi womenya mugisoda ugize ikosa urahanwa vuga amke
24 Nyakanga 2016, 19:56, par jw
Araruhutse Ay’isi? Amaraso Yiwe Nahindure Imitima Yabo Basaya Bahindukire Imana.
24 Nyakanga 2016, 20:06, par Nzeyimana Donatien
kuk tugum duhomb intwar?abasi bigihugu tubavir has umwan nuwukuz atasindabibazwa kuk ahar amahoro umuhor uramwa,
24 Nyakanga 2016, 21:30, par Joachin
MURAMBARIRA BASIRIKARE NAMWE BA PORISI CLaude YARIYAHUYE NAWE NIWAGWA MUCAHA EMERA UPFUNGWE HARI ABATABWIRWA IMANA ARIKO NTAWE YAHEVYE NTAMUNTU YIYAHUYE IMPEMBO YABO ATARI UMURIRO IMANA IRADUKUNDA% TUKIYANKA%
25 Nyakanga 2016, 09:57, par MISAGO MISHERI
NDAHOJEJE UMURYANGO ARIKO ARUKOVYAGENZE BIHANGANE KOYARABAJIJWE UMUTINTIWARUWO VYEREKANAKO HARICO YAZI JEWENDAHANURA INGABO ZUBURUNDI BAREKE KWIYUNVIRA IBINDI BAKORERE IGIHUGU NTIBIYEMEJE AKAJAGARI KUKO IBITURIMWO NUKUBAHONEZA INTANBARA HAKUNA TWARUSHE UWUYIYUNVI ROFA
25 Nyakanga 2016, 14:16, par Bosco
Peter rekeraho kwica abanyagihugu
27 Nyakanga 2016, 06:44, par mzoyihera intagoheka
Nkurunziza ya muriye nabwabuhimbiri bwiwe bifatanije mukugandagura abanyagihugu, mugabo icomaze kubona abasoda bose bitwa kwarabatutsi nkuru petero azoruhukabose abahejeje kabisa.
29 Nyakanga 2016, 19:35, par Nyamitwe Alain
Abarundi Bose tutaviriye hasi rimwe ngo tugwanye uwo mwicanyi Pierre Nkurunziza nabo akoresha mukumara abantu aribo bo mwiperereza hamwe ni mbonerakure bic- umwe tukaguma duhoze ntitumenye ko umusi umwe natwe tuzoshikigwa,gerageza Basirikare baporisi mwigwaneko mugifise ivyo bikoresho vyaguzwe mwikori ryacu ubundiho turashira twese.
29 Nyakanga 2016, 20:39, par Claude
ivyo nkurikiy avuz ntibibaho kuki hatugarwa ahari ibirwanisho gushikaho haja n’importe qui birababaj