IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe

Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe

samedi 24 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Adjudant Eddy Claude NYONGERA yashinguwe kuri uwu wa gatanu, inyuma y’iminsi icenda yari iheze yitavye, apfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, mu gisagara ca Bujumbura. Igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko uwo musirikare w’Uburundi yapfuye yiyahuye na gerenade.

Ishungurwa rya Adjudant Eddy Claude NYONGERA ryabereye mw’itongo ry’abapfuye riri ku Mpanda, inyuma y’inkuka y’imisa yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi.

Uwo musirikare ashinguwe inyuma y’aho incuti n’umuryango wiwe bamenyeshereje ko batarahabwa igipapuro (Attestation de décès) cemeza ko Adjudant Eddy Claude NYONGERA yapfiriye mw’igendereza ry’Uburundi. Ico gipapuro cotanzwe n’igendereza ry’Uburundi, kikaba arico umuryango wiwe wari kwerekana kugira uhabwe ikiziga ciwe cari kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled. Amakuru atangwa n’abegereye umuryango w’uwo musirikare avuga ko ico gipapuro (Attestation de décès) bahavuye bagihabwa n’ubuyobozi bwa komine Mukaza, n’aho nyene kuri ico gipapuro bakaba batavuze ko uwo musirikare yapfiriye mw’igendereza ry’Uburundi. N’igipapuro cemeza ko uwo musirikare yapfuye (Certificat de décès) catanzwe n’ibitaro vya Roi Khaled kikaba kitavuga icishe uwo musirikare.

JPEG - 37.4 ko
Adjudant NYONGERA Claude yapfiriye ahakorera igendereza ry’Uburundi, i Bujumbura

Igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier), Adjudant Eddy Claude NYONGERA yitavye Imana ku muhingamo wo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2016, apfiriye ahakorera igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo musirikare yiyahuye akoresheje gerenade.

Adjudant NYONGERA Eddy Claude yari yafashwe yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu. OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarasiguye uko vyagenze.

"Hari igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu aho umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) yitwa Adjudant NYONGERA Eddy Claude asanzwe akora mu biro bikuru vy’igisirikare yiyahura akoresheje gerenade. Uwo musirikare yari yafashwe uno munsi mu gatondo, akaba yariko arabarizwa aha mu biro bikuru vy’igendereza ku vyaha bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu."

"Yiyahuye bahejeje kumubaza"

Mu gihe inyamiramabi (OPJ) zibiri zari zihejeje kumubaza, Adjudant Eddy NYONGERA Claude yateye umukono ku cegeranyo c’ivyo yabajijwe (procès verbal), aca ariyahura nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE.

"Niho rero bahejeje kumubaza, yahenda umu OPJ yari ahejeje kumubaza, y’uko yomureka agasohoka hanze gato, ko hari ico yibagiye kubwira umu OPJ yari yabanje kumwumviriza ubwa mbere. Niho yaca ashika mu kindi cumba, aca atora gerenade muri arya magerenade baba bafatanye inkozi z’ikibi. Baca baramubona ko ayitoye, baragerageza kurwana nawe kugira bayimwake, ariko yaciye ayugurura. Bamaze kwumva ko igira iturike bahavuye baca biruka ica iraturika ihitana ubuzima bwiwe."

Adjudant NYONGERA Eddy Claude yaba muri zone ya Buterere, mu komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yakorera mu biro bikuru vya gisirikare (Etat-Major).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.