Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon (...)

Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon RWASA

mardi 31 Nzero 2017

Umunyabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA yarahagaritswe muri ayo mabanga. Adolphe BANYIKWA asanzwe ari umushingamateka avuga ko yatanze imihoho ku mvo zitandukanye.

Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon amenyesha ko icatumye Adolphe BANYIKWA ahagarikwa mu nzego z’umugambwe,ari uko vyibonekeje ko akorana n’inzego z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Kubwa Aime MAGERA,mu mugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon barafise amakuru yemeza ko yakoranye amanama atari make n’abari mu mugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo guhungabanya inzego z’umugambwe.

Aime MAGERA avuga ko bamaze kuvyumva bagerageje no guhamagara Adolphe BANYIKWA yahora ari umunyamabanga mukuru mu mugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon kugira yisigure,agire nico abivuzeko hanyuma asabe ikigongwe ariko aravyanka.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko Adolphe BANYIKWA yagiranye amanama n’indongozi z’umugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe no gutoteza abanywanyi ba FNL.

Kubwo umushingamateka Adolphe BANYIKWA ,arahakana ko atakuwe mu mugambwe ,avuga ko wewe yatanze imihoho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.