IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’ubuseruko yihaye amezi atatu y’ukwumvikana ku masezerano (...)

Afrika y’ubuseruko yihaye amezi atatu y’ukwumvikana ku masezerano y’ubudandaji

vendredi 9 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) watangaje ko wihaye amezi atatu yo kuganira ku masezerano y’ugufashanya muvy’ubutunzi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya.

Amasezerano "Economic Partnership Agreement" (EPA) hagati ya Afrika y’ubuseruko n’ubumwe bwa Buraya afatwa nk’ayazokworohereza ubudandaji n’ugukorera hamwe mw’iterambere, hagati y’iyo miryango yompi, harimwo no gukuraho amakori ku bicuruzwa bikorerwa mu bihugu bigize iyo miryango.

Ibihugu bimaze gutera umukono kuri ayo masezerano ni Urwanda na Kenya vyemeje ayo masezerano mu ndwi iheze, ariko ibihugu vy’Uburundi na Tanzania bikaba vyatangaje ko bitazotera umukono kuri ayo masezerano. Aho ni mu gihe Uganda iheruka gutangaza ko yemeye ayo masezerano.

Mu nama idasanzwe igira iya 17 y’abakuru b’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko yatangiye kuri uwu wa 8 Nyakanga 2016 i Dar es Salaam muri Tanzania, umukuru w’igihugu wa Tanzania John Magufuli asanzwe ariwe ayobora uwo muryango muri iki kiringo, yatangaje ko uwo muryango uzoteba gutera umukono kuri ayo masezerano, kuko uzobanza kuyumva kumwe. Ikiringo bihaye ni amazi atatu, gushika mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2017.

Mu gihe Uburundi butotera umukono kuri ayo masezerano, vyagorana ko yubahirizwa, kuko kugira aje mu ngiro, bisabwa ko ibihugu vyose vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko biyemeza, nk’uko biri mu masezerano agenga uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa muri uwo muryango. Uburundi bukaba bumenyesha ko butazokwemeza ayo masezerano, kuko ibihugu vyo muryango w’ubumwe bwa Buraya vyafatiye ibihano Uburundi.

Ibihugu vyo muri EAC (East Africa Community) birungika mu muryango w’ubumwe bwa Buraya ikawa, itabi, icayi, amafi hamwe n’imboga, mu gihe ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya birungika muri EAC ibicuruzwa birimwo imashini zo mu mahinguriro hamwe n’ivyuma bitandukanye, imidoga, imiti n’ibindi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.