IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ali Bongo Ondimba yasozereye urugendo yarimwo mu Burundi

Ali Bongo Ondimba yasozereye urugendo yarimwo mu Burundi

samedi 14 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ali Bongo Ondimba yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu, akaba yakiriwe na mugenzi atwara Uburundi, Petero NKURUNZIZA. Inyuma y’umwanya muto bamaze baganira mu cicaro c’iteka (Salon VIP), umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaciye aja kwakira Ali Bongo Ondimba mu biro vy’umukuru w’igihugu i Bujumbura, aho vyari bitegekanijwe ko baganira mw’ibanga (Tête à tête).

Ali Bongo Ondimba, umukuru w'igihugu wa Gabon, ari mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi

Inyuma y’uwo mubonano, abo bakuru b’ibihugu bompi batanze ikiganiro c’umwanya muto, ku bamenyeshamakuru. Ali Bongo Ondimba yamenyesheje ko yagendeye Uburundi nk’uwurongoye ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, akavuga ko mu bihugu yari amaze kugendera mu ntumbero z’amabanga yashinzwe, ko hari hasigaye Uburundi hamwe na Cameroun gusa. Muvyo avuga yaganiriye na Petero NKURUNZIZA, harimwo ibibazo vy’ubutunzi hamwe n’uguhanahana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Gabon. Ku kibazo c’imigenderanire itari myiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, Ali Bongo Ondimba yishuye ko bikwiye ko ico kibazo kiganirwako n’ibihugu vy’akarere, kugira amahoro aboneke.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko muvyo yaganiriye na Ali Bongo Ondimba harimwo ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryimirije, hamwe n’indyane za poritike ziri mu Burundi. Kubw’umukuru w’igihugu w’Uburundi, ivyo ni ibibazo vy’abarundi mu bwigenge bwabo, akamenyesha ko igihugu cose gifise ibibazo vyaco. Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA akavuga ko abantu batoza baravuga ibibazo gusa, ahubwo ko boza barazana n’inyishu zavyo.

Ali Bongo Ondimba asanzwe ariwe mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati abaye umukuru w’igihugu wa kabiri agendeye Uburundi mu kirongo kidakwira ukwezi.

Umukuru w’igihugu yaheruka kugendera Uburundi ni Faustin-Archange Touadéra wa Centrafrique yashitse i Bujumbura avuye i Kigali mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, ariko akaba yagarukiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.