IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Amafaranga yahora atangwa n’ikigega c’isi ntiyahagaritswe’’

’’Amafaranga yahora atangwa n’ikigega c’isi ntiyahagaritswe’’

samedi 20 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018, umushikiranganji w’amagara y’abantu Josiane NIJIMBERE, yamenyesheje ko amafaranga yahora atangwa n’ico kigega atahagaritswe.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Josiane NIJIMBERE, avuga ko icahindutse ari inzira ayo mafaranga acamwo, ariko ivyo ayo mafaranga yategerezwa gukora bizobandanya bikorwa.

Ati :“Ikigega c’isi yose nticahagaritse amafaranga catanga,ikibazo saho amafaranga aca, igikuru nuko ivyo abanyagihugu bategerezwa kuronka bobironka , amafaranga ari mu gihugu yaraje ico umunyagihugu yahora aronka azokironka.”

Uwo mushikiranganji avuga ko bumvikanye n’ishirahamwe rijejwe iteremare kw’isi PNUD kugira ntihagire igikorwa ayo mafaranga yari agenewe gihagarara


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.