IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe OLUCOME, PARCEM na SOFEPA yerekanye ivyofasha Uburundi kuva (...)

Amashirahamwe OLUCOME, PARCEM na SOFEPA yerekanye ivyofasha Uburundi kuva mu ndyane

jeudi 7 décembre 2017

Nkuko biri mu rwandiko, amashirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta na SOFEPA ry’abakenyezi bigeze kuba abashingamateka,abanyagihugu b’abarundi nibo babandanya kuba mu bukene buvuye ku ndyane ziri mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Muri urwo rwandiko ayo mashirahamwe amenyesha ko ku ca mbere kijanye n’umutekano, haba ku ruhande rwa Reta canke rw’urutavuga rumwe nayo bohagarika invugo zibiba urwanko, bakareka no gukoresha urwaruka bakarwaka kandi ibirwanisho.

JPEG - 107 ko
Faustin NDIKUMANA,umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Ayo mashirahamwe amenyesha ko mu gisata co gushiraho Reta y’amategeko no kurwanya ukudahana hoshirwaho sentare nkuru y’ubutungane, hagasubirwamwo n’ingene abagize urwego rukuru rw’ubutungane bashirwaho.

Ku bijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, ayo mashirahamwe atatu amenyesha ko ibiri mu masezerano bitokorwako, kuko ariyo yatumye abarundi banywana atuma kandi igihugu gitekana.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko mu gutsimbataza intwaro rusangi no gutanga uburenganzira bumwe ku banyaporitike, abanyeporitike bakwiye kwigisha abanywanyi babo kubabarirana, abantu kandi bakaronka uburenganzira bwo guhurira hamwe, gushikiriza ivyiyumviro,gutembera, guhurira mu masendika no kugaragaza ivyiyumviro vyabo biciye mu myiyerekano nkuko biri mw’ibwirizwa nshingiro.

Urwo rwandiko kandi rumenyesha ko mu gutsimbataz intwaro rusangi amashirahamwe yahagaritswe gukorera mu Burundi yokwugururwa, abapfungiwe ivya poritike bagapfungurwa,hamwe no gutanga uburenganzira bumwe ku banyaporitike bwo gushikira ibinyamakuru.

Ku kibazo c’imigenderanire n’ibindi bihugu, amashirahamwe PARCEM, OLUCOME na SOFEPA amenyesha ko abarongoye Uburundi bomenya ko Uburundi bukeneye incuti haba ku rwego rwo hafi canke rwa kure, kandi ko bakwiye kuganira n’ibihugu bibabnyi mu ntumbero y’amashirahamwe y’akarere.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME

Ayo mashirahamwe asaba ko kugira ivyo vyose bishoboke, hojaho umurwi ukurikirana ishirwa mu ngiro ryavyo, uwo nawo ukaba wokwerekana ikiringo cawo,abawugize hubahirijwe iringanizwa ry’ibitigiri hagati y’abagabo n’abagore, n’ikiringo co gukora.

Amashirahamwe PARCEM,OLUCOME na SOFEPA amenyesha kandi ko amashirahamwe y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,Ubumwe bwa Afrika n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU vyoja mu bakurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyoba biriko birakorwa mu ntumbero yo gutorera umuti indyane ziri mu Burundi.

Ayo mashirahamwe atatu akaba yitavye ibiganiro biriko bibera i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017, bikaba bitegekanijwe ko bizohera kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.