IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bashikiranganji basubirijwe n’abagenwe bashikirije ubutumwa

Bamwe mu bashikiranganji basubirijwe n’abagenwe bashikirije ubutumwa

vendredi 20 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ku mbuga zabo za twitter, Alain Aimé NYAMITWE yahora ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi no gufashanya n’ayandi makungu, hamwe na Nestor BANKUMUKUNZI yahora ari umushikiranganji wo gutumatumanako, bakeje ababasubiriye.

Alain Aimé NYAMITWE yahora arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire yashimiye kandi umukuru w’igihugu c’Uburundi kuba yari yamushinze ayo mabanga, kuva mu mwaka wa 2015. Avuga ati :

« Ndashimiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku cizere yangiriye kw’igenekerezo rya 18 Rusama 2015 aho yangena kuba umushikiranganji w’imigenderanire. Ndamushimira hamwe n’umuryango wiwe ingene banshigikiye mu myaka n’amezi nari maze. »

Alain Aimé NYAMITWE yashimiye kandi abo bakoranye mu bushikiranganji avuga ko yabigiyeko vyinshi, aca abasaba ko boshigikira uwumusubiriye mu burongozi bw’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Nestor BANKUMUKUNZI yahora aramutswa ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru nawe abicishije ku Twitter yiwe yanditse avuga ati :

«Ndakeje abagiye kunsubirira, Serges NDAYIRAGIJE na Evelyne BUTOYI.»

Umushikiranganji mushasha w’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru Evelyne BUTOYI, yashimiye umukuru w’igihugu n’umugambwe CNDD-FDD avamwo, ku cizere basubiye kumugirira, akemeza ko ari iteka n’igitangaza gikomeye.

Ati : "Ndashimiye umukuru w’igihugu n’umuryango wanje wa poritike CNDD-FDD kuba basubiye kunyizera."

Umushikiranganji mushasha w’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru Evelyne BUTOYI, amenyesha ko azokora ivyo ashobora vyose, kugira ashire mu ngiro ivyo ajejwe yishimikije Imana, no ku ngingo yo gukorera neza igihugu n’intererano kuri abo bose bagomba kwubaka igihugu c’amahoro kandi giteye imbere.


Van Naris MUGISHA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.