Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Fizzo yakiriwe na TID kugira basozere igikorwa bakoreye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Fizzo yakiriwe na TID kugira basozere igikorwa bakoreye mu (...)

Big Fizzo yakiriwe na TID kugira basozere igikorwa bakoreye mu Burundi

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku muhingamo w’uwo wa kabiri igenerekerezo rya 22 Myandagaro, Big Fizzo yafashe indege imugeza mu gihugu ca Tanzaniya. Akaba agiye guhura n’umuririmvyi TID kugira barangize igikorwa bakoranye. Igihe TID yagendera Uburundi, barakoranye ururirimbo na Fizzo rwakozwe n’umuhinyanyuzi Kolly The Magic, ariko bakoze amajwi gusa. Ubu rero Fizzo nawe yafashe urugendo aja i Dar-es -Salaam kugira bakore isanamu ya "Katika". Bikaba binaboneka ko urugendo rwagenze neza, kuko TID yanamuhaye ikaze.

Muri urwo rugendo bivugwa ko azomaramwo iminsi itatu, amakuru atangwa n’abegereye umuririmvyi Big Fizzo asigaye yiyita "Bantu bwoy" avuga ko urugendo rurimwo no kwagura akarere akaroremwo hamwe no kwunga ubucuti na bagenzi we.

Big Fizzo ategerezwa kuzoba ari mu gihugu c’uburundi kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro. Uwo munsi afise igikorwa co kuzofashanya n’abandi mu guserukira Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu (RNTB) ku munsi wa nyuma w’ihiganwa ryari rimaze iminsi ribera mu gihugu cose.

Fizzo rero biboneka ko yabaye bitumwako mu biteramo vyo mu Burundi, kuko amaze kuboneka mu biteramo vyinshi yaba ibiheze canke ivyimirije.

Ururirimbo "Katika" Big Fizzo yakoranye na TID


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.