IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abunguruza abantu bagiye kunywesha ibitoro mu bibanza vyabo (...)

Bujumbura : Abunguruza abantu bagiye kunywesha ibitoro mu bibanza vyabo bonyene

jeudi 11 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe kugira borohereze abantu biyunguruza basigaye bagira ibibazo vy’ukubura ingene batonda ku kazi mu gatondo, canke ingene bataha ku mugoroba, kandi ko abo bakora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu aribo batwara abantu benshi kurusha iyindi miduga.

Abakoresha iyo miduga yunguruza abantu ku mafaranga basabwe kurindira, ubushikiranganji bukaba bugiye vuba kubabwira ahari ayo masitasiyo bagiye kuza baranywesherezako igitoro.

Imirongo miremire niyo yibonekeza ku mugoroba mu gisagara ca Bujumbura, abavuye ku kazi bakaba bataroherwa gutaha. Ico kibazo kiribonekeza kandi mu gatondo, aho abaja ku kazi barindira umwanya munini imiduga ibunguruza, bigatuma bacererwa ku kazi.


NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.