IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura:Amashirahamwe akura imicafu mu ngo asaba umubonano n’umukuru (...)

Bujumbura:Amashirahamwe akura imicafu mu ngo asaba umubonano n’umukuru w’igisagara

dimanche 16 Mukakaro 2017

Umushingwamanza Jean Marie Vianney Nshimirimana aburanira ayo mashirahamwe amenyenyesha ko mu ntumbero yo kuganira kugira batore inyishu, bandikiye incuro nyinshi umukuru w’igisagara ca Bujumbura bamusaba umubonano, ariko atigeze abishura.

Jean Marie NSHIMIRIMANA avuga ko amashirahamwe aserukira ata kibazo na kimwe afitaniye n’ishirahamwe SETEMU rijejwe gutunganya isuku mu gisagara, kuko imiduga y’ayo mashirahamwe 18 abandanya kujana imicafu muri zone Buterere, aho basanzwe bayishira.

Ayo mashirahamwe 18 amenyesha ko batewe impungenge no kubona imiduga yabo ihagarikwa n’igiporisi, abakozi bayo nabo bagafatwa nabi,mu gihe ayo mashirahamwe asanzwe afise amadeni yasavye mu mabanki.

Ayo mashirahamwe nyene amenyesha ko kubera iyo ngingo, abantu 500 bazotakaza akazi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.