IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : Imbonerakure mu myiyerekano y’ugushigikira umukuru w’igihugu (...)

Bujumbura : Imbonerakure mu myiyerekano y’ugushigikira umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

lundi 12 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo myiyerekano yari yitabwe n’imvukira z’intara ya Bujumbura "Rural" hamwe na Syvestre Ndayizeye ajejwe imihari yegukira umugambwe CNDD FDD.

Mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi banegura ko umwidegemvyo w’ugukora poritike uhabwa bamwe bo mu mugambwe uri ku butegetsi gusa. Umugambwe MSD ukabona ko ari imyiyamamazo yatangujwe n’umugambwe CNDD FDD kandi hatari bwagere.

Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD agira ati : "Umugambwe CNDD-FDD wagumanye ya ntumbero yo gukuraho iyindi migambwe yose kugira muBburundi habeho umugambwe umwe. Imyiyerekano nk’iyo bamaze igihe bakora birerekana neza ko ata poritique bafise yo guteza imbere noguha akazi urwaruka rw’igihugu rugowe, ruri mu bushomeri butagira izina bagaca bahitamwo kuyoborera abantu mwibarabara. Duhanura urwaruka rw’Uburundi kureka kubeshwa, kuko kugira imyiyerekano atariyo nyishu y’ibibazo bihanze Uburundi."

Olivier NKURUNZIZA, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA avuga ko umugambwe UPRONA urangura ibikorwa vyawo vya poritike mu kuri kwamye, ariko agasaba ko mu gihe hoba hari imigambwe itemererwa gukora mu bwigenge, ko yohabwa ubwo burenganzira bw’ukuza irahura n’abanywanyi bayo, kugira nabo bitegurire amatora yo mu mwaka w’2020.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • reka nkwirikire mbendamaze kabiri tubirindire muri 2020, amagogwa tugowe, ahanarahereje ariko naraye ubusa uwomusi nukuri kweri nkaba mbeshe. reta yabanyavyahaaaa vyose, uko tubayeho nagakoni kimana tutigaruye akainyuma karahinda

  • NTAKUNDI WAKERA, NUKWIHANGA TURABIZIKO TUBESHEJWEHO NUGUCUNGURA AGATWE, IBI MBERE NDABIBONA NKUMWAKA URAHO WAMPORANA NA FRODEBU ABO BAGUYE MUGAHINDA BADASIBA KUGIRA IBI BADUKORESHA KUGAHATO. BAGOMBA KUTUGIRA IBIHWEBA NKABO TUTARIVYO. EWEJEWE NDAVYE UBUSANAMU BUMWE BWARAKABIRANY MUMASO IBISAZI BIGENDA BIRAGWA KUMUNWA BAZUNZAMABOKO NUKUMURIZO W’INKA WIYAMISAZI, EWEJEWE TWARAGOWE P

  • Ni mupfe nk’abagabo! None muri 2020 ho muzohakur’iki? Kirimw’abagabo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.