IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira Reta yakuye Uburundi muri (...)

Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira Reta yakuye Uburundi muri CPI

samedi 28 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu isinzi bari kumwe n’abategetsi batandukanye b’Uburundi bagizwe n’umuhuza Edouard NDUWIMANA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, umushikiranganji w’ubutugane, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu, hamwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu kibanza citiriwe ukwikukira, Therence NTAHIRAJA umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi igiye kubandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose, hamwe n’ugukomeza ubutungane bwigenga.

"Ntibisigura ko tugiye gusasira indava ivyaha mu gihugu cacu. Reta y’Uburundi igiye gushishikara gukomeza umugambi w’ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Ivyo babigize urwitwazo kubera ingwano yabananiye, coup d’Etat yabananiye, bati reka turementanye ko bahohotera abanyagihugu, turabe ko ya Sentare yokora."

Therence NTAHIRAJA yamenyesheje kandi ko Reta yiyemeje kurwanya uwariwe wese yohirahira agashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ni akamaramaza aho uwitwa ngo ahuza Abarundi aja mwibarabara gushigikira ukudahana ivyaha. Tuzoguma twibuka agashinyaguro yagize ahejeje guha itegeko Intambwe ngo zitandagure abantu bibereye mu masengesho i Businde. Ntituzokwibagira kandi ko ariwe yatangaje ubwa mbere ko mandat ya gatatu iteregezwa kuba. Nta gitangaza rero kirimwo mu kumubona imbere y’abagwanya ubutungane bwigenga.

  • Izombonerakure n’interahamwe basuka mumabarabara zizopfa zangara.Barahumba intahe izobokera noneho muri mukwomoka! murateye agahinda

  • Kuri Wakera n,abandi ba Aigris-radicaux nkawe naba Busurahende,Isegenya mwari mumaze iminsi musaba kwa shitani ,iyo shitanyi yabateye utwatsi.None iyindi shitani iruta iyo mwahora mwambaza muzoyivana he ko shitani ari mwe.Va mur,ako gahinga murimwo,mute utwo duhiri mugaramanye yo,musange isinzi ry,abatutsi n,abahutu bakunda UBURUNDI.Atarivyo,utwo duhiri mugaramanye mur,ako gahinga ko mumitima yanyu.nitwo tuzoyimena.Ntabutegetsi nka bwabundi mwarerewe mwo,muzosubira kubona ngaha mu BURUNDI.

  • CPI iracafise ububasha k’ubategetsi bose bakoze amabi mu Burundi,ivyo vy’imyiyerekano ni nko kwikirigita ugatwenga,murindire sha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.