IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Joseph BUTORE : Ico gitabu kizofasha Uburundi gushika kw’iterambere (...)

Joseph BUTORE : Ico gitabu kizofasha Uburundi gushika kw’iterambere rirama.’’

mardi 18 Mukakaro 2017

Mu gihe yariko yugurura uruganda rwo kwemeza igitabo cerekana ihangiro ry’iterambere rirama kuva mu mwaka wa 2016 gushika mu mwaka wa 2030, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yavuze ko umurwi watunganije ico gitabo wasanze ko Uburundi bukwiye gukorera ku mahangiro 16.

JPEG - 42 ko
Joseph BUTORE,Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Joseph BUTORE,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yavuze ko abitavye urwo ruganda bazoronka akaryo ko guterera mu guhinyanyura neza ibiri muri ico gitabo cerekana amahangiro ashikana kw’iterambere rirama,gushika mu mwaka wa 2030.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko ico gitabo cabonetse kubera ugukorana neza hagati ya Reta y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD, aca aboneraho n’akaryo ko gushimira iryo shirahamwe.

Ku ruhande rwiwe,umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye Serges NDAYIRAGIJE yavuze ko amahangiro ashikana kw’iterambere rirama ODD ari umuhamagaro w’isi yose ,kandi ari intumbero isi yose yihaye, mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibikorwa vyo kurwanya ubukene.

JPEG - 94.8 ko
Serges NDAYIRAGIJE,umushikiranganji w’intwaro ibereye

Umushikiranganji w’intwaro ibereye yamenyesheje ko kuba hari ibiharuro bitunganirizwako imigambi ya Reta ,ari ikintu gihambaye cane kandi bifasha mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi n’amahangiro ya Reta.

Urwo ruganda ruzomara iminsi ibiri kuva kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro gushika kuwa gatatu igenekerezo rya 19 Mukakar 2017, rwitabwe n’abashikiranganji,abashingamateka n’abakenguzamateka,abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu,ba buramatari hamwe n’abaserukira amashengero.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.