IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > CENI: Abagize CEPI 155 mu gihugu cose batowe

CENI: Abagize CEPI 155 mu gihugu cose batowe

Thursday 28 December 2017, by Jean De Dieu

Abo bagize iyo mirwi nyene nibo bazotegura amatora azoba mu mwaka w’2020.

Prosper NTAHOGWAMIYE avugira CENI amenyeshako abo batowe bava mu migambwe itandukanye,amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’abaserukira amashengero.

Kubijanye n’uburyo umurwi w’igihugu utegura amatora azokoresha murico gikorwa ,Prosper NTAHOGWAMIYE ashikiriza ko ata nkeka uburyo buzoboneka.

Tubibutseko Ekereziya Gaturika mu Burundi batatanze ababaserukira mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora. Mu murwi CENI bavuga ariko ko nk’uko bari babisavye abandi, na Ekereziya Gaturika yari yahamagariwe gutanga amazina y’Abapatiri boja muri CEPI.

Muri CENI bavuga ko baronse ikete ryanditswe n’uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi Katurika mu Burundi, ababwira ko muri iyi minsi ya Noweri Abapatiri bafise ibikorwa vyinshi, ko batoronka umwanya ukwiye w’ugushigikira ico gikorwa.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.