IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CHUK : Ubuyobozi bw’ibitaro bwinjiye inyubakwa nshasha izofasha kwakira (...)

CHUK : Ubuyobozi bw’ibitaro bwinjiye inyubakwa nshasha izofasha kwakira indembe

mercredi 3 janvier 2018

Iyo nyubakwa nshaha yagenewe kwakira indembe yinjiwe ku mugaragaro n’ubuyobozi bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2018.

Umuyobozi w’ibitaro, Muganga Pontien NDABASHINZE yamenyesheje ko iyo nyubakwa nshasha ije gufasha kugabanya abarwayi b’indembe bahora barwarira mu nyubakwa ishobora kwakira ibitanda bibiri gusa.

Muganga Pontien NDABASHINZE avuga ko vyahora bishika abarwayi bakakirirwa hasi, kubera ubukene bwaho babakirira, akizeza ko hari n’ibindi bikoresho bigiye gushika, mu ntumbero yo gushika ku ntumbero bihaye yo kwakira neza abarwayi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.