IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CJA:Urwaruka rusabwa gushira mu ngiro imigambi n’ivyiyumviro (...)

CJA:Urwaruka rusabwa gushira mu ngiro imigambi n’ivyiyumviro vyarwo.

lundi 17 Mukakaro 2017

Mu nama urunani CJA rwatunganije ku rwaruka kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 mukakaro 2017, Albert NASASAGARE aserukira CJA yavuze ko ata coshobora guhinduka urwaruka bwite rutibwirije guhinduka, kuko umuntu ashobora guhinduka akabera intango abandi bigatuma abandi bamufatirako akarorero,mu gushira imigambi mu ngiro.

Albert NASASAGARE yavuze ati : «Kazoza kawe ntanumwe ari hejuru yako atari wewe nyene,ntanakimwe kizohinduka jewe nyene ntahindutse ,duhinduke dukore ico dutegerezwa gukora kugira dutere imbere

NTIHINDUKA Samuel ajejwe imigambi muri CJA yateye akamo urwaruka rwitavye iyo nama gufata ingingo, kugira rukore hama rubone gufatwa mu mugongo ,uwo ajejwe imigambi muri CJA amenyesha kandi ko urwaruka rudateguwe rukiri ruto,bituma rushitse ku burongozi usanga rukora uko rushatse kuko rutateguwe.

Samuel NTIHINDUKA yavuze ati : «Urwaruka nirwo kazoza rwa kubu nejo nico gituma rukwiye kwigishwa ivyuburongozi n’urudandazwa kuko vyuzuzanya.»

Bimwe mu bikorwa bigiye gukorwa kugira urwaruka rufise ingabire yo gutunganya imigambi yarwo ruzoshobore kuyishira mu ngiro,rusabwa gutunganya imigambi hamwe n’ivyiyumviro vy’iterambere bizoja mw’ihiganwa rubone kwerekwa uko rwoyishira mu ngiro.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.