Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED : BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe amezi atatu, NZOMUKUNDA yirukanwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED : BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe amezi atatu, NZOMUKUNDA yirukanwa (...)

CNARED : BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe amezi atatu, NZOMUKUNDA yirukanwa burundu

lundi 6 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Frederiko BAMVUGINYUMVIRA yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yahagaritswe amezi atatu mu runani CNARED.

Alice NZOMUKUNDA nawe, umukuru w’umugambwe ADR yahagaritswe burund muri urwo runani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

N’umugambwe ADR wa NZOMUKUNDA Alice wakuwe mu yigize urwo runani.

JPEG - 73.3 ko
Alice NZOMUKUNDA

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wamaze kumenyesha ko uzokwitaba ibiganiro vyatumweko n’umuhuza Benjamin William MKAPA.

JPEG - 77.5 ko
Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA

Ibiro vy’umuhuza mu matati y’abarundi bimenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gusubira kuba kuva kw’igenekerezo ya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma umwaka wa 2017, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Abicishike ku rubuga rwa Twitter, Umuhanuzi mu biro vy’umuhuza Macocha TEMBELE amenyesha ko ibiganiro bizoba bizokwisunga ahanini ku bibazo nyamukuru bishobora gushika ku masezerano hagati y’abitavye ibiganiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.