Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED:Imyiyerekano ntishobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED:Imyiyerekano ntishobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba (...)

CNARED:Imyiyerekano ntishobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba Buraya bitagira agaciro

mardi 31 Nzero 2017

Urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED rumenyesha ko imyiyerekano itunganywa na Reta idashobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba Buraya bitagira agaciro,kuko hari ivyemeza vy’ibikorwa mu Burundi.

Inyuma y’imyiyerekano yatunganijwe na Reta y’Uburundi yiyamiriza ingingo y’abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya,Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED amenyesha ko amabi abandanya gukorwa mu Burundi.

Jeremie MINANI amenyesha ko mu gihe amabi akorwa mu Burundi yojanwa imbere y’ubutungane bwigenga,vyofatwa nk’amabi yo ku rwego mpuzamakungu ahanwa na Sentare mpuzamakungu.

Kubwa Jeremie MINANI, nta gitangaza kuba Reta ihamagarira abantu kuja mu myiyerekano yiyamiriza ibishikirizwa n’abashingamateka ba Buraya,kuko ishaka kwerekana ko ata mabi akorwa mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.