Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro vyatumweko na Benjamin (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro vyatumweko na Benjamin (...)

CNARED imenyesha ko itazokwitaba ibiganiro vyatumweko na Benjamin Mkapa

jeudi 9 Ruhuhuma 2017

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED rumenyesha ko rutazokwitaba ibiganiro vyatumweko n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa.

Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED avuga ko mu runani CNARED bakuye icizere ku mufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa kuko ashira imbere kugabura imigambwe,no gutumira abashatse bavuga ibishimisha ubutegetsi.

Kubwa Jeremie MINANI,amenyesha ko ata muti w’ibibazo biri mu Burundi biteze ko uzova mu biganiro,kandi ibiganiro yatumyeko bitabaraba kandi bitaraba n’abarundi kuko bitatumiwemwo bose.

Mu runani CNARED basaba ko umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yohindura abo bakorana,imvugo n’uko akora kugira abarundi basubire bamwizere.

Ibiganiro bitegekanijwe i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma, umwaka wa 2017.


IGIHE

Messages

  • arikogayemwe ababasazi bomuri CENARED bazokira ryari? urworunani rwarasambutse rusigaye kwizinagusa kugira bagume birira amahera yabazungu, ivyonavyo bavuga barihenda kuko ntaubuza uruzi gutemba babizamwo batabizamwo ibiganiro bizobatu. izondazabo zizobahumira!

  • Izondazabo Muri Senark Nibatah Poltiqu Bahb Vyarabonetsko Arabinda.Ok

  • None batekerezaga kwitaba mubiganiro batotumiwemo ???? Izo mujeri zo muri SINAHEAD(zitogira umutwe)cnared zizomoka mpaka zishizemwo umwuka.

  • nibareke kudadika abarundi dushaka amahoro

  • Kutavyitaba kiruvyikana, kuko urya mugabo MKAPA ntavyoguhuza ashoboye! kubahagati yabantu bafise icobapfa, ningabire umuntu ahabwa ni Mana. MKAPA nawe afise ingabire yokuba perezida gusa, ariko ivyo guhuza abantu ntavyashoboye, abarundi twese turashigikira ingingo yurunani CNARED yukutitaba ibiganiro bizoba bihagarikiwe nuwo MKAPA. Twihweje nabazovyitaba arinabo baronse imirariko, ninkudwakazi za Petero Nkurunziza!, kubwivyo ntarukiza twiteze murivyo, ahubwo nigutakaza umwanya wubusa.

  • NONE KO ABAHUZA BATUMVIRIZA CNARED KANDI ARIYO YO KUGANIRA,UMUHUZA ATEGEREZWA KUBA YIZEWE NA BOSE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.