IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Canada: Inama nshingamateka isaba Reta gukurikirana ibijanye n’agateka ka (...)

Canada: Inama nshingamateka isaba Reta gukurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi

samedi 18 Ruhuhuma 2017

Umurwi w’Inama nshingamateka y’igihugu ca Canada ujejwe imigenderanire n’iterambere mpuzamakungu usaba Reta ya Canada gukurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Mu cegeranyo c’uwo murwi c’impapuro 37,uwo murwi w’Inama nshingamateka ya Canada ujejwe imigenderanire n’iterambere mpuzamakungu umenyesha ko,ibijanye na politike n’umutekano mu Burundi bibandanya guhungabana.

Muri ico cegeranyo uwo murwi usaba kandi Reta ya Canada kugira ico ishikirije ku bijanye no guha agaciro ivyo ubwoko bikorwa n’inzego za Reta y’Uburundi canke imirwi y’abatavuga rumwe nayo.

Uwo murwi usaba kandi ushimitse inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufata ingingo zo gukinga ko hoba ibikorwa vy’ihonyabwoko mu Bburundi.

Umurwi w’inama nshingamateka ya Canada ujejwe imigenderanire usaba Reta ya Canada gutanga infashanyo mu bijanye n’uburyo na politike ku mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Bravo le Parlement Canadien,mudufashe gupfunga abicanyi baba DD

  • INKURU MWAYICIRIYE HAGATI.

  • Mubanze mubwire reta yanyu yemere ko kudeta itemewe maze itangazeko abagize uruhare mugukora kudeta ahobarihose bofatwa.
    Mutabikoze ukwo tuzobita abasimubandi canke komwari mubatumye hakorwa kudeta.
    Erega irya kudeta yarabononeye cokimwe noguturira abantu.

  • Novugako Iyo Nama Nshikiranganji Ya Canada Ije Hageze Kuko Turabona Nezako Agateka Kazina Muntu Muburundi Katifashe Neza Muburundi.Nigerageze Ifashe Kugirango Ibintu Ntibiyangare

  • Turashima ivyo vyashikirijwe ni nama nshingamateka ya CANADA, reta ya Canada tuyiziko sitoriya nziza, dukunze gusoma mubinyamakuru vyakahise nakubu nukuri bageze kuntabwe ishimishije cane muvyukubahiriza agateka kamuntu,mubijanye nukubahiriza agateka kamuntu, turabemera batora namba yambere. Kubwivyo nimukoreshinguvu zishoboka mugondoze amakungu areke gukoresha imvugo zitajana ningiro. tunabasaba zirya nguvu mwakoresheje mukwivuna marekani igihe yari yabateye, natwe muzidutize tuzivunishe uyumwansi wuburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.