Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Charles Nditije agiye gusaba ko umuhuza yofashwa n’abahinga ba UA na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Charles Nditije agiye gusaba ko umuhuza yofashwa n’abahinga ba UA na (...)

Charles Nditije agiye gusaba ko umuhuza yofashwa n’abahinga ba UA na ONU

jeudi 2 Ntwarante 2017

Kuva kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma , umwaka wa 2017 urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta ruramutswa umukuru mushasha Charles NDITIJE, mu migambi afise harimwo gusaba ko umuhuza Benjamin Mkapa yoronswa abamufasha mu gikorwa co guhuza abarundi.

Charles NDITRIJE arongoye urunani CNARED amenyesha ko mu bikorwa azokora harimwo gusaba ko muhuza Benjamin Mkapa ashigikirwa n’abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Charles NDITIJE amenyesha ko umuhuza Benjamin Mkapa , mu gutumira abitaba ibiganiro atigeze ashaka gukora ikintu cobabaza Reta y’Uburundi,kuko urunani CNARED rutera ubwoba Reta y’Uburundi.

Umukuru w’urunani CNARED avuga ko abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bofasha umuhuza Benjamin Mkapa gukora ataho ahengamiye.

Umukuru w’urunani CNARED afise ikiring c’amezi 9 arongoye urwo runani.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.