IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abantu 26 baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Cibitoke : Abantu 26 baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

samedi 12 mai 2018

Amakuru ava aho i Buganda, amenyesha ko, ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, aho abantu bitwaje ibirwanisho baca ku nzu ku nzu bakica bakongera bakagenda baturiye inzu.

Bamwe mu begereye muri komine Buganda, bavuga ko batazi abo bantu, ariko ko baje bazananye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano yishikiye kuri uwu wa gatandatu aharaye habereye ubwo bwicanyi, akaba yabuteye ivyatsi, amenyesha ko ababikoze ari abakora iterabwoba.

Kw’iizna rya Reta y’Uburundi yari yaserukiye, umushikiranganji BUNYONI yashikirije ko Uburundi buzokorana na Reta ya Congo mu kurwanya uwo murwi wakoze ico gitero.

Reta y’Uburundi yemeye ko izofasha mu gushingurana iteka abitavye Imana, hamwe no mu kuvuza abakomeretse.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abo Ni abotoye oya bahinyanyuwe

  • Imbonerakure zarihe ?ziboniki ?kure atarikumbibe zigihugu, nihe ?

  • BIRABABAJE KUBA ARIKO UMUNTU YICA MUGENZEWE AMENYEKO IMANA ARINKURU MANA TABARA UBURUNDI

  • ndumva ntivyoroshe kuba hariko hicwa nkumunyagihu asanzwe kandi akagandagurwa bunyamaswa atacazira reta nihagurukire ico kibazo

  • Ndahohojeje cane imidyaango yabuze Imana niyakire izonzira karengane. abakoze iryobara bamenye ko Uhoraho azobacira imanza bakwiranye ntamahoro kumunyavyaha mwibuke Kahini. Ndashimiye Leta yacu niterimbere nkumunzinga. ukuri kuzokwama gutsinda ikinyoma Imana ihezagire Uburundi na Barundi ndabifurije amatora meza intsinzi itagabanije yibwirizwashigiro tora Ego.

  • Nihatari Kwel ubwicanyi nkubwo nagahomera munwa ahondi abanyagihugu bagiz ubwoba mber bamw ntibarara mumazu.Mbega kohari abarara bakizura bimbonerakur mukarer ndimwo mucibitok nyen ahibuganda ntibacungera umutkano ?ndahojej imiryango yabuz bihangan nosab reta koyobafata mumugongo

  • ABAKOZE IGITERO BARI MUMUSI MUKURU KUKO MURIBO NTAWAPFUYE KUWAMBERE LE 14 BAZOGARUKA KUGIRA UMUSI MUKURU BUKEYE TUZOKWIRIGWA TURABACA KUMAZI TUZOBARYA INYAMA MBISI AHO BAZI NGO BATEYE IGIHUGU LE 17 BAZOZE BAVUGIRE KWIRADIO KO BAFASHE IGIHUGU ROBELIO IRANTWENZA PE

  • ivyobintubirateyubwobape

  • Mbeyemwe Komite Migisi,yarihe ?
    Rekekuzitira Mujamwonewe !
    Imana,yakire Izonzirakarengane.
    Ababuzenamwe,mwigumye.

  • Imana ibona vyose izohana abakoze iryo bara ndariteye ivyatsi

  • Mfise Amakenga !Ubwo Sizambnerakure Zihabwa Inkoho ?Abo Bakoresha Imipanga Turaziko Barigukinzura Baba Bafise,imipanpa,nibihiri, R D C naho niwabo !

  • Ntahundi Iman’ibazigam Mubwami Bwayo ! Ivyo Muburundi Birayobey ! Dukwiy gusenga Can Iman’igaragaz Inkozi Zikibi Zos. Knd No Mugutora Turakwiy Gusenga Kugira Dutor Ivyo Mutima Mweranda Atwohej, Tutumvirij Amabwir.

  • ndajoje imiryango yabuze bihangane kuko baba ababishe ico bakoreshej.mukubica nico kizobahonyora nabo kuko na biblia niko ibivuga.None nkubu urengey kumunyagihugu rugara ukica wibaza ko iyo ari intsinzi jew ndumwenegihugu ariko ico natahuy nuko bitwretse ko atanguvu bafise kuko iyo naba bazifise bohanganye nabo banganya inguvu vyumvikane ko ari ukumaramarira kuri les innocent.reka ndagize mvuga uko burya wokora inabi iciza caheze nsabe Imana ize ibasubirize mundumane niyabona bakwiye ikigongwe ize ikibahe niyabona ko bakwiye kubarandura iyo bari hose izobikore ibisigaye tubandanye imirimo kuko hari naho echec ihinduka intsinzi bivanye nuko umuntu avyifashemwo.murakoze.

  • Birababaje Kweri Ni Murondere Abo Bagiz Banabi Kuko Bagomba Gusubizi Abarundi Mukaga

  • ababaza ngo imbonerakure zarebaga hehe ?! zarebaga mu Rwanda ngo niho umwanzi ava ??!!!! wa mu polisi ushinzwe gushinja u Rwanda arihe ??! ko ntacyo yavuze noneho ?!! barundi bene wacu tu bafashe mu mugongo.

  • MUZOKWAMA MWATEY IVYATSI AHO KURONDER ABABIKORA ?MUZOBAFOBANITEKA !EGO MUZOBA MUKOZ MUGA SIWO MUTI WUGUHOZ IMIRYANGO YABUZ

  • Iyo Hafashwe Itonga Ryuwa Mugurishije Akavyemera Hokogwa Iki ?

  • Biragoye gutahura ukunt abantu baza bagakora uko bakigira atacamira,izo saha zine haba hakiri kare,vyerekana ko abajejwe umutekano basigay basinzra bakarenza,oya vrt kand birababaje cyan,ntanumw ufashw vrt

  • Namaganye nivuye inyuma Ubu bwicanyi bwakorewe inzirakarengane, ntabwo kwihorera aribyo bizakemura ikibazo uburundi bufite. Aba bicanyi begezwe imbere yubucamanza. Mfashe mumugongo abacitse ku icumu

  • Ndiko ndasoma bimwe mu bantu bamwe bamwe bariko barashikiriza nga ku gihe, mbona neza ko abariko baravyandika boba bari mu bicanyi baraye bahekuye abarundi. Abejejwe gukurikirana itangazamakuru bogikorerako.. IRA

  • Ntakundi vyarabaye ucisha inkoho nawe niyo izomwica imbungita nuko nyene

  • Muntungendababaze jewenabakoreye, ikikoko ? abanyamakurubokugihe.
    Jeweivyiyunvirovyanjentibitukana, ntibicanishamo, sivyurukozasoni.
    Mwankirikikubishirakumugaragaronkivyabandi.
    ndabasavye, nimunsobanuriremuzobamukoze ?

  • Muntungendababaze jewenabakoreye, ikikoko ? abanyamakurubokugihe.
    Jeweivyiyunvirovyanjentibitukana, ntibicanishamo, sivyurukozasoni.
    Mwankirikikubishirakumugaragaronkivyabandi.
    ndabasavye, nimunsobanuriremuzobamukoze ?

  • Muntungendababaze jewenabakoreye, ikikoko ? abanyamakurubokugihe.
    Jeweivyiyunvirovyanjentibitukana, ntibicanishamo, sivyurukozasoni.
    Mwankirikikubishirakumugaragaronkivyabandi.
    ndabasavye, nimunsobanuriremuzobamukoze ?

  • Andika hano Izonyamaswa Zishd Abo Bantu Abakuze Abana Inzoya Atacaha Barikobarabagiriza Imana Iberekane Natwebwe Abanyagihuguturabiyamirije Reta Namakungu Mukwiye Kubiyamiriza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.