IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard NDUWIMANA yatorewe kuba umuhuza w’Abarundi

Edouard NDUWIMANA yatorewe kuba umuhuza w’Abarundi

lundi 21 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa mbere izina rya Edouard NDUWIMANA mu kibanza c’umuhuza w’Abarundi (Ombudsman). Uwo yari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka agiye mu kibanza cahoramwo Mohamed RUKARA yarangije ikiringo ciwe.

Abashingamateka b’Uburundi batoye izina rya Edouard NDUWIMANA ku majwi 91,3 kw’ijana.

JPEG - 19 ko
Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi

Mu ntango abitoza bari umunani, inyuma y’ibibazo bakoze (Interview) hakaba hasigaye batatu (Edouard NDUWIMANA, Prosper BAZOMBANZA hamwe na NTANGIBINGURA Amissi), ariko muri abo batatu uwabaye uwa mbere ni umushingamateka Edouard NDUWIMANA, ari nawe inama nshingamateka yasabwe kwemeza canke guhakana kuri uwu wa mbere.

Inyuma y’itorwa ryiwe, abashingamateka bo mu mugambwe CNDD FDD ukomokamwo uwo yatowe bakaba baciye biga izina ry’uwumusubirira mu kibanza c’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka. NKURUNZIZA Jackie Chantal, umututsikazi avuka mu ntara ya Ruyigi akaba ariwe yatorewe kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka.

Bitegekanijwe ko Edouard NDUWIMANA azoca arahira imbere y’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kabiri.


IGIHE

Messages

  • Babura gushira ho Umuganwa canke Umutwa, wohuza abo Barundi bananiranye..
    Mbega uyo Edward nu wa hehe ?
    Arabe atari umu Hima w umunyaBururi...
    Alors là, ca va trés bien bardés !

  • eka ntamuhuza dufise murazi mwese iyo ahengamiye nuwo gusambura imigambwe gusa

  • NYAKUBAHWA UTOWE KUBA UMUHUZA WABARUNDI URABIKWIYE TUKUZINEZA MUKAYANZA NIKABARORE UZUHUZE ABARUNDI BOSE KUKO URINARARIBONYE NANJE MISAGO MICHEL NDAGUKEJE NABANYAKABARORE BOSE IVYO VYEREKANYE KO UBURUND BUFISE ABAGABO KANDI BUFISE AMAHORO MURAKOZE AKABA YARI MISAGO MICHEL KABARORE IMANA UKUJINBERE MUMABANGA UTOREWE DUCHIMIYE NABAGUTOYE MURAKOZE

  • IVYO NTIBIKABE JEWE NKUMU CHRISTO NTAVYONEMERA KK NI ANTI CHRISTO IRIKO IRAKORA HARIKO HATWARA ABAMI BISI KK IGIHE KIREGEREJE

  • Ewe batutsi turagowe,uwo Edouard twari tumaze kabiri tumuruhutse none baramugarukanye asubire kudutoneka mu bikomere bitarakira yasize aduteye!!!

  • Sincères félicitations pour son promotion professionnelle tant méritée.

  • Sincères félicitations pour cette promotion professionnelle tant méritée.

  • basha tutaneye mwisahani ntamuhuza mwihenze kabisa muratumaramaje mugutora nabi.komera

  • ntuzuhengame mutama mugukemura ibibazo vyabarundi

  • urab umuvyeyi wabose kandi turizey k’ubishoboye!

  • urab umuvyeyi wabose kandi turizey k’ubishoboye!

  • Ninde yoribwa ninzoka akaja kwitwara kumwobo uwowe nagira ndamusabe guhita atanga imihoho umuhuza wabarundi yotegerezwa kuba umuntu yigenga Atari mumugambwe numwe none uwo kwari inyana yayanka nikihe kintu gishasha azaniye abarundi kumengo Ari mubatabuye ibabi mubikorwa vyo gukokeza urwanko no kudyanisha abarundi nacanecane muguca ibice mumigambwe no kuburabuza ibikorwa vyimigambwe yose itavugarumwe nareta none ngaho mushatse kutubwira ko iyo nenge yayikize canke yoba yarayikize nigiki azubahuka kubwira shebuja wiwe nkuru ko nabavyubahutse yaciye abomora baguye inyuma yigihugu nimureke kuguma mutubesha ntaco mukora tutabona twarabamenye

  • Nakomeze aduzwe mumpera.abakozeneza bazokwama bashimirwa eduard ntakatakoze azorenge aho.uwo chantal ntamahigwe ndamuha kuko ntatwaro zabagore.

  • nawe naze agerageze turabe, mugabo ivyamanda avyihoze kuko nabonye uriya mukenyezi atwara ubudagi nawe ariko arondera iciringo kigira 4. kandi amakungu yose aramushigikiye. hano muri Africa vyashika kuri 3 bakavuza akaruru. EU dutegereje ko ifatira ibihano ruhasha ubudagi.

  • Mwatoy Nabi Gos Mbe’ ? Umuntu Yasambuy Imigabw Ikomey Yohuza Abarundi Gut? Muragaba!

  • iwomumenja aragarutse guturira abanyagihugu namaradio mwitegure turaheze

  • Imana ishimwe kuba nyakwubahwa Edouard Nduwimana atorewe kuba unuhuza wabarundi kuko akunda uburundi agakunda abarundi.
    Igituma ndabivuze gurtyo nuko mwizimvururu baheruka mu Burundi babanyaburaya bamutumyeko intumwa bamubwirango bamuhe amafranga yamanyaburaya million 20 ngwave mu Burundi ngomaze acatangaza ko aba DD nigipolisi ngon’Imbonerakure baribamubangamiye Edouard Nduwimana yarabarahiye kwashobora guta igihugu ciwe.
    Rekandabibutseko nicogihe yari umushikiranganji wintaro yohagati mugihugu.
    ABANTUBABAYE NKAWE BABAYEBESHI NTABONONDONDAGURA NGOMARE ARIKO REKANDABABWIRE NKABANDI BATANU:
    Uwari umukuru wanatora nawe baramukubakuvye ngobayamuhe arabarahira.
    Agathon Rwasa nawe yarabarahiye.
    Consillie nibigira na Bazombaza akiri icegera cambere cumukuru wigihugu yarabarahiye.
    Umurwiwose uhehwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ryuburundi yarabarahiye, ariko harumwe yase kuyaha mumugongo arayakurikira nubwonumvango baramwihungujeko ngo ntayobomuha ngokuko ntacovyatanze nubwo abakozi ba Kagame atakwobatagize bamuvuganira ngwayahabwe ariko bikanka.
    Nibeshi bahamagariwe guhunga baranka ariko abeshi baryabategetsi bakomakoneye barayahawe maze baragenda mugihe ababiganye nabongobaragiye aribatobato impungurure zirabarembeje Mahama nahandi ariko ndihanganishije abagiye kubera inzara kugira baronke nutwo duhungurure kuko nubu uwovugako hagiye kuzaharatangwa impungurure mu Burundi abarundi twita ngobarimubuhungiro bashika 95% bocabitahira.

  • None ko Eduard afise umugore w’Umunyarwandakazi azohere mu guhuza ibihugu bibanyi,u Burundi n’u Rwanda

  • Turabakeje Mutama,bandanya uhuzabarundi,natwe,turinyumayawe,turaziko,urumugabo,wijunjanijambo.Twe,mera.Kandidukunda,murakoze,turikumwe,jewendumubanyi,wamayege,imanaibarinde.>>.

  • JEWE ABANTU BIROFA BARATWENZA NONE NKAMWE MWANKA UMUHUZA MUSUNVYA UBWENGE ABAMUTOYE YATOWE NDABE VAMWIVYO MUCIYUNVIRA ABARUNDI NZOREBE ICOMUCHIMA NONE UMUNTU AVUGUKURI GWAVUGANABI DUWARI WATOWE NUHORAHO NTAKUGAZA KUTAVAKUHORAHO RABINBERE ABANSI BUMUNTU NTIBIGERA BABURA

  • ndakeje Edouard kwiteka atewe nigihugu coguhuza abene burundi, nongera ndamusaba kudahengama.

  • turamwemeye kuko asanzwe arumugabo wimvugakuri abushitse komera ramba,Imana imujimbere mumabanga yashinzwe

  • edwari !! barabonyeko ashoboy guhindura imivyimba (abamaratiri) abiswebose 2015 azobahindura abmaratir bibugande nkabamwe bibusinde

  • Mbega ninde azi abavyeyi buyo Kahini yihinduye Nduwimana barundi muragowe ariko ibihano vyiwe birinyoma

  • ako ni akambaro k, ibara. abahutu bizobagora kumenya ubwenge. bamushimiye ko yishe abahutu b, ibukirasazi akabaturirira muma hiace abiri ku kiryama.

  • Imana imufashe kuzokora icatorewe agwanya akarenganyo

  • Niba inamashingameteka y’uburundi yarishoboye gutora umuhuza Koko nuko yari gutora ko nduwimana ajanwa mumunyororo naho ngaho badatora umuhuza ahubwo biyatse ijambo kandi ntagitangaje ntacamutoye

  • NIJEWE,RIOERI,NDAKURAMUKIJE,KOBARINZEBAGUTORA,IMANA,NINYENIMBARAGA,UHEZAGIGWE,

  • Yewegaye kirahiye ubumanuka Edouard NDUWIMANA azohuza ibiki ?kwari umwungu warwaruyuzi, ntaciza kizova kuruwo ahubwo nivyahuha bigiye guhuhuka. gutorwa naho yatowe na baba DD DDDD bafatanije na bampemuke ndamuke.

  • Maso, urakabura urakabura ivyudedemba warevye mubakoze ibibi ngaha Burundi usanga nuyu Edouard Nduwimana?
    Yowavuga BUYOYA nabobirirwa barabundabundahamwe mubihugu bitandukanye warikubiki? Ariko ukareka kugereka ingugo kuwutayikoze?

  • IMANA NIMUFASHE ABARUNDI BAMWEBAMWE BIKEKA NIVYO BATARABONA.

  • Ntavyanduwiman Ntavyo Umunt Yasambaguy Imigambw Niw Aj Kub Umuhuz Ohoooo Ndamutwenz Nibuc Tubirab

  • mbega umuhu nigiki ? ntakazi kumuhuza gahari nimumbwire buva urwego rwumuhuza rubayeho nihagire uwumbwira ikint u umuhuza yakoreye uburundi atarukwiyamira muma dege noneho barabitovye gusumba edouard umunya manyanga tuzi mpema yuzuye atarukubandanya ukunyuruza abantu hamwe nashebuja ntakindi

  • L homme qu’il faut a la place qu’il faut

  • L homme qu’il faut a la place qu’il faut

  • emwe turaronsincabwenge pe!!, azodutunganiriza,kuko arabishoboye,ndamwipfurijakazikeza ,ninguvunyinshi biva kumana abekeba nibenshi Imanimujimbere.

  • HAHORA UWUSURA NONE HAJE UWUNYA

  • emwe,jewe,nabigaye,nkivyunva,nimwibuke,inge,yashize,isoni,ibusinde,kakora,munkovu,abantu,babuze,ababo,akongera,agasambura,imigambwe,emwe,iyonistani,yaje,kugandagura,abana,buburundi,turagowe,pepe

  • We F N L Ufise Umwete Nkuwumusazi
    Urimuri Bampemuke Ndamuk
    Nbe Wibagiye Baba Clistu Nduwimana Yicir Ibusind?
    Nakore Tuzobiraba

  • @Bukebuke,mwanka ukuri,none ko twirirwa mu ma barabara twiyamiriza u Rwanda kandi umuhuza w’Abarundi ari umukwe w’u Rwanda, ni atangurire ngaho rero ahuza Rwanda-Burundi

  • imana iguhangaze jewendi munkambi nahiye coba kubuzima uburundibwaciyemwe canbahunga unsaba ret koyosaba yuweni ikaduhungura yoba ikoze turavyipfuza kotwohunguka kweri tubayeho nabi ubuzima bwinkambi buragoye cane.

  • twe icotwifuzamuburundinamahoro.nurukundo.nakorenkukobikwiriye,yerekanekubugabobwiwe atarubwubusa.

  • Twebwe Ico Twipfuza Ni Kimwe Gusa Twipfuza Ko Uwariwe Wese Azotogwa Ngo Atubere Inkingi Ko Yodutwara Neza Kandi Akavugwa Neza Mubanyagihugu Akaba Umwizigigirwa Muri Vyose Kuko Ikintu Cambere Gituma Umuntu Abana Neza Nabantu N’ubwizigirwa Utakaje Ivyo Uzoba Utakaje Vyose Niyirambire Muri Vyose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.