IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FENADEB isaba ko hokorwa ivyirwa ku bituma abana babandanya gukorerwa (...)

FENADEB isaba ko hokorwa ivyirwa ku bituma abana babandanya gukorerwa amabi

samedi 25 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mabi amaze iminsi akorerwa abana mu ntara zitandukanye, urunani FENADEB rugaruka ku bana baturirwa, abicwa n’abavyeyi babo, abakwa ubuzima bahejeje kuvuka, hamwe n’abacibwa ibihimba vy’umubiri.

Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru wa FENADEB amenyesha ko mu gihe ico cigwa cokorwa ku bituma ayo mabi akorerwa abana, ariho abo bahinga botanga n’intererano z’ivyokorwa kugira abana bakingirwe.

JPEG - 180.6 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru wa FENADEB

Ihuriro FENADEB ririyamiriza ivyashikiye abana babiri ku munsi wa gatatu mu ntara ya Gitega, aho baciwe ibikonjo bagirizwa ko bafashwe bariko biba ibigori mu murima. Muri iryo huriro basaba ubutungane ko bwotunganiriza abo bana.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.