IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FNUAP : Ikibanza c’urwaruka kiri mu mashure

FNUAP : Ikibanza c’urwaruka kiri mu mashure

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakaungu rijejwe igwirirana ry’abantu (FNUAP) mu Burundi, Suzanne Mandome avuga ko ikibanza c’urwaruka kiri mu mashure, ivyo akaba yabishikirije mu gihe hibonekeje urwaruka rutari ruke rwahevye amashure kubera inda rwatwaye.

Suzanne Mandome amenyesha ko kuja kw’ishure ari uburenganzira bw’umwana wese, bumutuma aronka inyigisho zijanye n’amagara meza zifatiye ku mico y’Abarundi kugira zifashe urwaruka kudaheba amashure, aho akaba ari mu gihe ibice 60 kw’ijana z’inda z’ishushu zitwarwa n’urwaruka, nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye FNUAP.

Mw’ihimbazwa ry’umunsi wahariwe irwirirana ry’abantu kuri uwu wa kabiri, Suzanne Mandome yabwiye urwaruka rwitavye uwo musi mukuru ati : «Rwaruka ikibanza canyu ntikiri kw’iyakiriro ry’abavyeyi no ku bitaro, ariko kiri ku mashure »

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Senkomo Elame yamenyesheje ko umugambi Reta yihaye ari uwo kwigisha urwaruka ibijanye n’amagara meza, kuko arirwo rugize igitigiri kinini c’abanyagihugu.

Yamenyesheje ko abigeme bashika 2208 aribo batwaye inda z’ishushu ku mwaka w’ishure uheze wa 2016 ushira 2017, muribo abashika 1519 akaba ari abo mu mashure shingiro. Abashika 689 nabo akaba ari abo mu gice ca kabiri c’amashure nshingiro.

Ubwo bushikiranganji bufashanije n’ishirahamwe FNUAP bugiye gutanguza umugambi wo kwigisha urwaruka ruri hagati y’imyaka 10 na 24 rwo mu gisagara ca Bujumbura inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza kugira inda z’ishushu zikunda kuboneka mu mashure zisezererwe. Uwo mugambi ukazoba uhirikiyemwo imigwi y’abakora muvy’indero, ku bitaro, abavyeyi hamwe n’abajejwe intwaro. Amavuriro abiri azohora atanga izo nyigisho ku rwaruka ni iryo mu Kamenge hamwe n’iryo ku Mutakura.

Uwo yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yateye akamo urwaruka kwama bishura "Oya" ku bantu bashaka kubahendahenda babatwara mu bushurashuzi.

Umusi mukuru mpuzamakungu wama uhimbazwa buri mwaka igenekerezo rya 11 Mukakaro uwu mwaka ukaba wahimbajwe ku civugo kivuga giti : « Tuvyare ku rugero, igisha abantu duteze imbere igihugu.»


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.