IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FRONTLINE DEFENDERS isaba Reta guhagarika ingingo ihagarika burundu Ligue (...)

FRONTLINE DEFENDERS isaba Reta guhagarika ingingo ihagarika burundu Ligue ITEKA

samedi 7 Nzero 2017

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukingira agateka ka zina muntu FRONTLINE DEFENDERS ririyamiriza ingingo ya Reta yo guhagarika burundu ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu mu Burundi Ligue ITEKA.

Mw’itangazo bashize ahabona kw’igenekerezo rya 5 Nzero 2017, FRONTLINE DEFENDERS imenyesha ko ryakiranye umubabaro ihagarikwa burundu ry’ishirahamwe Ligue ITEKA mu Burundi n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

FRONTLINE DEFENDERS rimenyesha ko ihagarikwa ry’ishirahamwe Ligue ITEKA ribabaje cane, mu gihe iryo shirahamwe riri mu mashirahamwe amaze igihe kinini akorera mu Burundi, kandi ryakoze cane mu gukingira agateka ka zinamuntu mu gihe Uburundi bwari mu ntambara.

Kubwa FRONTLINE DEFENDERS iyo ngingo ifise intumbero yo kunumya no gutera ubwoba ayandi mashirahamwe yigenga akorera mu Burundi,kuko Ligue ITEKA n’ayandi mashirahamwe ane yari yahagaritswe ivy’infatakibanza mu kwezi kwa 11 mu mwaka uheze wa 2016.

FRONTLINE DEFENDERS isaba abategetsi b’Uburundi guhagarika iyo ngingo yo guhagarika burundu ishirahamwe Ligue ITEKA, ariko bagakurikiranira hafi ko bakora amashirahamwe yigenga akora ico yiyemeje. Isaba kandi amatohoza kw’izimangana rya Claudine KWIZERA yahoze ajejwe kugenzura ubutunzi mw’ishirahamwe Ligue ITEKA.


IGIHE

Messages

  • oya jewe ndumva ntibikundarero! muba mwarabahanura gukora bisunze icobasabiye gukora. ugirango basavye gukora bakwiragizibihuha?

  • mweho muracavuga abarundi buca 2 bugare iminwa yabo namaguri ariko imana iriko irategura neza

  • Twarabahinyuye ntimuriho kubwinyungu zabose kuko iyomwaba muriho kubwinyungu zabose kubibi urwanda rumaze gukorera uburundi nabarundi muba nwararwiyamirije, none nunomusi uwobabaza ijambo mwabwiye urwanda ntaryomworonka nicogituma iyomuvuze tubumva nkivyaduka bitazi icobita agateka kazinamuntu gasigura raba kubera kutagira ico mubwiye urwanda ngorureke gukomeza guhangayikisha igihugu kibanyi mugihe kitarenze umwaka rugomba rusubirizwe munkoko .

  • Burundi bwacu butwarwa na banyakajagari nico gituma atamahoro azigera aboneka ngaha muburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.