IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Francine NIYONSABA yashimiwe n’igihugu

Francine NIYONSABA yashimiwe n’igihugu

samedi 26 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunonotsi mpuzamakungu w’umurundikazi Francine NIYONSABA aheruka gutahukana ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa mpuzamakungu rya "Jeux Olympique" yashimiwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mu birori vyabereye mu ntara ya Cibitoke kuri uwu wa gatanu, Francine NIYONSABA yashizwe mu bantu bagize ico bafasha igihugu cabo (Nommé dans l’ordre de l’amitié des peuples, à la classe de chevalier et à Titre Exceptionnel).

Umurundikazi Francine NIYONSABA yaheruka gutahukana ikibanza ca kabiri, mu gice ca nyuma c’abasiganwa ku metero amajana umunani, mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques 2016" ryariko ribera i Rio de Janeiro. Izo metero yazirutse mu mwanya ungana na 1:56.49, aca ahabwa umudari w’ifeza.

Ikibanza ca mbere catahukanye umunonotsi Caster SEMENYA wo muri Afrika y’epfo.

Inyuma y’iminsi mike iryo higanwa rya "Jeux Olympiques riheze, Francine NIYONSABA yitavye irindi higanwa, aho yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Diamond League de Lausanne ryabereye mu gihugu ca Suisse.

Muri iryo higanwa, Francine NIYONSABA yirutse imetero amajana umunani mu mwanya ungana na 1’57’’71.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.