IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Francine NIYONSABA yashitse i Bujumbura mu karuhuko

Francine NIYONSABA yashitse i Bujumbura mu karuhuko

vendredi 1er Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Francine NIYONSABA yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura igihe c’isaha zitatu n’iminota cumi n’itanu, akaba yakiriwe n’abavyeyi biwe, uwuserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, abaserukiye ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama, hamwe n’abaserukiye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi.

Uwo munonotsi rurangiranwa yabwiye umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE yari yagiye kumutegera ku kibuga c’indege ca Bujumbura ko aje mu karuhuko inyuma y’amahiganwa mpuzamakungu amazemwo iminsi ku mugabane wa Buraya.

Francine NIYONSABA avuga ko anezerejwe n’ukuba aje mu karuhuko mu gihugu c’Uburundi amavukiro yiwe, agashimira umuryango wiwe, abakunzi biwe hamwe n’abandi bose babandanya kumushigikira mu bikorwa vyiwe bituma ibendera ry’Uburundi rihungabana mu makungu.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.