Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Umwigisha yagirizwa gushaka kugandagura umunyeshure wiwe yateye (...)
Gitega : Umwigisha yagirizwa gushaka kugandagura umunyeshure wiwe yateye inda
lundi 12 Ntwarante 2018, par
Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, uwo mwigisha yajanye uwo mwigeme i Gishubi, amubwira ko agiye kumunyengeza iwabo kubera yamuteye inda asanzwe ari umwigisha wiwe.
Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, bashitse ku ruzi Ruvyironza, uwo mwigisha yaciye amukubita icuma, amuta mu ruzi, akaba yari azi ko yapfuye.
Abanyagihugu nibo bamurovye, bac abamujana ku bitaro mu Ntita, mu nyuma akaba yaciye atwarwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega, kuko yari yasinzikaye.
Amakuru ava mu ntara ya Gitega avuga ko uwo mugabo yagirizwa ubwo bugizi bwa nabi yoba yafashwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
13 Ntwarante 2018, 06:31, par Félix Nintunze
N’akamaramaza Aho Umwigisha Yonona Uwo Yokijije!! Gushika Ho Yipfuza No guca Akora Icaha Co Kwica. Nibamuhane Yihanagure!!
15 Ntwarante 2018, 16:57, par MBONIHANKUYE ZACHARIE
EMWE NTAGENDUKO