IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Umwigisha yagirizwa gushaka kugandagura umunyeshure wiwe yateye (...)

Gitega : Umwigisha yagirizwa gushaka kugandagura umunyeshure wiwe yateye inda

lundi 12 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, uwo mwigisha yajanye uwo mwigeme i Gishubi, amubwira ko agiye kumunyengeza iwabo kubera yamuteye inda asanzwe ari umwigisha wiwe.

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, bashitse ku ruzi Ruvyironza, uwo mwigisha yaciye amukubita icuma, amuta mu ruzi, akaba yari azi ko yapfuye.

Abanyagihugu nibo bamurovye, bac abamujana ku bitaro mu Ntita, mu nyuma akaba yaciye atwarwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega, kuko yari yasinzikaye.

Amakuru ava mu ntara ya Gitega avuga ko uwo mugabo yagirizwa ubwo bugizi bwa nabi yoba yafashwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.