IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gusigura umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro bigiye gutangurira mu (...)

Gusigura umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro bigiye gutangurira mu ntara 6

mercredi 3 janvier 2018

Nkuko biri mu rwandiko rwateweko umukono n’uwujejwe ibikorwa mu biro vy’umukuru w’igihugu,Ambassadeur Zephyrin MANIRATANGA ,umukuru w’inama nshingamateka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, nibo bazotangura gukora ico gikorwa.

Muri urwo rwandiko, uwujejwe ibikorwa mu biro vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko intara zitandatu arizo Rumonge, Gitega, Mwaro, Kayanza, Bujumbura Rural na Bubanza nizo ziza imbere muri ico gikorwa.

Naho ata magenekerezo yashizwe kuri urwo rwandiko, bitegekanijwe ko umukuru w’inama nshingamateka akorera ico gikorwa mu ntara za Rumonge na Gitega, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu agakorera ico gikorwa mu ntara za Mwaro na Kayanza, mu gihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu azokorera ico gikorwa mu ntara za Bujumbura-Rural na Bubanza.

Muri urwo rwandiko rwateweko umukono kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2018, ambassadeur Zephyrin MANIRATANGA amenyesha ko amagenekerezo n’ibibanza ico gikorwa kizoberamwo,bizomenyeshwa babanje kuvugana na baburamatari b’intara bizoberamwo.

Ico gikorwa co gusigura ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro,catangujwe k’umugaragaro n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, muri komine ya Bugendana, intara ya Gitega.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragabishije uwo wese yobera intambamyi ico gikorwa haba mu mvugo canke mu ngiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.