IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR imenyesha ko ikeneye imiriyoni 391 z’amadorare yo gufasha impunzi (...)

HCR imenyesha ko ikeneye imiriyoni 391 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi

vendredi 9 février 2018

Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rivuga ko mu mwaka wa 2017, abafaranga yari gukoreshwa yatanzwe gushika ku rugero rw’ibice 21 kw’ijana, ivyatumye haba ibibazo vyo kuronsa infungurwa impunzi, kubaronsa aho baba n’amazi meza.

Babar Baloch, umuvugizi w’ishirahamwe HCR, avuga ko mu mwaka wa 2018, ishirahamwe HCR ryiteze impunzi nshasha z’abarundi zishika ibihumbi 50, abo nabo bakazohungira mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya,Urwanda na Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

JPEG - 149.5 ko
babar baloch, umuvugizi w’Ishirahamwe HCR

umuvugizi w’ishirahamwe HCR avuga ko bashikiriza ivyo bitigiri, bisunze ko mu mwaka uheze wa 2017, babonye ko ku munsi ku munsi hama hari abarundi 150 bahunga Uburundi, arico gituma bafata ko n’uwu mwaka abaharurwa mw’ijana bazobandanya bahunga igihugu ku munsi ku munsi.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umwunganirizi w’umushikiranganji akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji Therence NTAHIRAJA , asigura ko ari ibiterasoni ko ishirahamwe mpuzamakungu nka HCR ritegekanya abarundi bazohunga mu bihe bizoza.

Therence NTAHIRAJA avuga ko ivyo bishobora kuba bisigura ko muri iki gihe, ishirahamwe HCR ryoba ririko rirahungabanya amahoro n’umutekano mu gihugu.

JPEG - 33.5 ko
Therence NTAHIRAJA, Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Therence NTAHIRAJA akavuga ko haheze imyaka ibiri igikorwa co gutahukana impunzi kiriko kirakorwa, nayo kuva mu mwaka wa 2016, abarundi ibihumbi 200 bakaba bamaze gutahuka, mu gihe mu kwezi kwa mbere kwa 2018, abarundi 760 aribo batashe kandi bakaba babandanya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.