IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hakuwe Visa ku barundi baja mu Burusiya bakoresha impapuro z’inzira (...)

Hakuwe Visa ku barundi baja mu Burusiya bakoresha impapuro z’inzira z’abanyacubahiro canke z’akazi

mercredi 7 février 2018

Ahejeje gushira umukono ku masezerano ari kumwe na Georgy Todua aserukira igihugu c’Uburusiya mu Burundi, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yavuze ko ari intango ya mbere, ko n’ibindi bizokurikira buke buke.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yavuze ko iminsi yose hama hatangura amasezerano ku bafise impusha z’icubahiro canke iz’akazi abandi bigakurikira hanyuma.

Alain Aimé NYAMITWE umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko ayo masezerano bayagiranye n’Uburusiya nk’uko bashobora kubikorana n’ibindi bihugu.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko bamaze kubona akarusho, kuko nkiyo abanyacubahiro, canke abakozi b’ubundi bushikiranganji,baba bafise ingendo umwanya bafata barondera visa uragabanuka cane.

Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE avuga ko ayo masezerano yorohereza cane abazoba bagiye mu gihugu c’Uburusiya, nk’abagiye gukarisha ubwenge mu kiringo c’amezi abiri canke atatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.