IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hashizweho konte mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu yo guterera amatora yo mu mwaka wa (...)

Hashizweho konte mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu yo guterera amatora yo mu mwaka wa 2020

samedi 1er Mukakaro 2017

Mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije abarundi n’amakungu kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017,mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, yavuze ko mugushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe kare kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Mu ntumbero yo kworosha ico gikorwa,umukuru w’igihugu yasavye amabanki atandukanye n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana gukorana n’Ibanki nkuru y’Igihugu mu kworohereza abipfuza guterera, kugira amatora ya 2020 azoshike igihugu caramaze kwisuganya.

Muri iryo jambo umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umuntu wese ashatse guterera azoterera ukwo ashoboye, mu ntumbero yo kwereka amakungu ko abarundi bashoboye kwitunganiriza amatora azira akanenge.

Yavuze ati: «Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961

Umukuru w’igihugu yavuze ko kwitunganiriza amatora hakoreshejwe uburyo bw’abarundi bonyene ubwabo ari imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe intahe yo kwikukira n’intwaro rusangi mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • mutama Wacu Guma Kwivora Kuko Urinyankamugayo Turagushigikiye Tuzokora Uko Dushoboye Ariko Amatora Azogende Neza Cane Abansi Amahoro Iwacu Baze Bamaramare Tuzobikora Nimana Nivyumve Ibiterere Igikumu .Irambire Kumigambi Mwiza Uguma Utuzanira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.