IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa

Ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa

lundi 31 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka bwari buramutse bushikiriza ivyo bwaranguye muri aya mezi 6 aheze, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko mu misi iri imbere, ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa kandi ko imbere yuko umuntu akoresha amazi azobanza kuyarihira nk’uko bikoreshwa ku muyagankuba biciye muri "Cash Power".

Bimwe mu vyaranguwe muri aya mezi 6 aheze, umushikiranganji Come MANIRAKIZA yashikirije ko hariho ibikorwa vyabandanije vyo kwubaka ingomero z’umuyangankuba zo ku Mpanda na Kabu, ingomero za Jiji na Murembwe, ikindi muvyakozwe n’ubwo bushikiranganji, ni inama bwatunganije ijanye n’ivy’igitoro aho intumwa zitandukanye ziva mu karere ka Afirika y’Ubuseruko zashoboye guhurira hamwe ziriga ingene hotorerwa umuti ingorane z’igitoro.

JPEG - 90.8 ko
Come MANIRAKIZA, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu

Mu bindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, Come MANIRAKIZA avuga ubutare bwashobowe gushigwako imparati muri kino gice ca mbere bushika ku biro 315827,05 hamwe n’ubutare bushika ku biro 435,048 bwashoboye gusohoka biciye mu nzira y’ukuri, mu gihe abantu bashika 30 bafashwe bashoye ubutare mu nzira zitemewe n’amategeko.

Mwomenya ko muri kino gice ca mbere c’umwaka wa 2017, ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka ko bwinjije amatagisi angana n’imiriyaridi 2 z’amafaranga y’amarundi avuye mu bikorwa vyo gusohora ubutare.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.