IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibidandazwa vyinjira muri EAC bivuye mu bindi bihugu vyaragabanutse

Ibidandazwa vyinjira muri EAC bivuye mu bindi bihugu vyaragabanutse

vendredi 26 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Audace NIYONZIMA, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori ya Reta y’Uburundi avuga ko bafatiye hamwe ingingo zimwe zijanye z’uguha agaciro ibidandazwa biva hanze, bakaraba ingene ivyo bidandazwa vyoja ku biciro bisa.

"Twumvikanye kandi ko twofatira ingingo hamwe zijanye n’ama "Camions" azana ibidandazwa ugusanga vyaciye ku ruhande, tugashiraho ingingo dufatiye hamwe z’ugucungera ivyo bidandazwa ku buhinga bwa none."

JPEG - 182.2 ko
Audace NIYONZIMA, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Abari muri iyo nama bararabiye hamwe n’ikibazo kijanye n’amashirahamwe y’ubudandaji hamwe n’amahinguriro mpuzamakungu akorera mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, ariko adatanga amakori nk’uko vyategerezwa (Evasion fiscale).

Ingingo yafashwe kuri ico kibazo, n’uko ibigo bitoza amakori muri ivyo bihugu vyokwigira hamwe ingingo zisa z’ugutoza ayo makori, kugira ivyo bihugu bigabanye igitigiri c’abadatanga amakori mu bigega vya Reta.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.