IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BEATIL/ALT na Fondation PANZI mu bikorwa vy’ugufata mu mugongo abakorerwa (...)

BEATIL/ALT na Fondation PANZI mu bikorwa vy’ugufata mu mugongo abakorerwa amabi mu ntambara

lundi 9 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Tatiana Mukanire, umuhuzabikogwa muri BEATIL/ALT, amenyesha ko intumbero y’urugendo rwabo mu Burundi ari uguhanahana ivyiyumviro n’abasanzwe bitaho abakorewe amabi mu ntambara, n’ugufashanya hagati y’ibihugu bibanyi, narirya ibihugu vyo mu biyaga binini vyahuye n’ibibazo vy’intambara, ivyatumye haba amabi menshi nko gufatwa ku nguvu ku bakenyezi, ugukubagugwa, n’ayandi mabi atandukanye.

Tatiana avuga ati : « Mu buseruko bwa Kongo, abantu benshi barahohotegwa bakabura ababafata mu mugongo. Mu kigo BEATIL/ALT na Fondation PANZI turakora ukwo dushoboye mu gufata mu mugongo abahohotowe mu buryo butandukanye. Turabafasha mu kubavuza tukongera tukabafasha kwiyakira, ntibahave bahahamuka. »

Patrice KOLESA, akurikirana abagwayi muri Fondation FONZI, ashikiriza ko ukuvura abagwayi canke ukubakurirkirana mu kubarinda ihahamuka gusa bidahagije, agashikiriza ko muri Fondation FONZI batanga imfashanyo ku bashikiwe n’ingorane, bakanabafasha mu butungane.

Marlène KUBWAYO ari mwishirahamwe WID ryitaho iterambere ry’abakenyezi no gukingira ibidukikije amenyesha ko ku ruhande rwabo, bakorera cane cane mu gukinga amabi yo mu ntambara, mu kugira isekeza ryo kumenyesha ubwoko bw’amabi n’ingene abenegihugu boyirinda.

Fondation PANZI ikaba yatangujwe na Muganga Denis MUKWEGE yararonkejwe mu mwaka wa 2014 agashimwe kitiriwe SAKHALOV gatangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • iyi nkuru tura nezerewe chane kumbona mû DR Denis Mukwege atanga imfashanyo ku bashikiwe n’ingorane bakanafasha mû butungane courage Dr Denis Mukwege que Dieu vous donnez la force pour continuer votre combat "pour la liberté de l’esprit"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.