IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihano bigiye gutangwa ku bavyeyi bakumira abana bagendana (...)

Ibihano bigiye gutangwa ku bavyeyi bakumira abana bagendana ubumuga

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu gihe yariko asigurira abashingamateka ibiri muri iyo nteguro y’itegeko, umushikiranganji Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ifise umugambi w’uguhana abavyeyi bafata nabi abana bagendana ubumuga.

JPEG - 76.3 ko
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira

Reta y’Uburundi imenyesha ko ibihano bitegekanijwe ku bavyeyi badakingira abana babo bagendana ubumuga, ababanyegeza, ntibajanwe kw’ishure, mbere bamwe bakabasegesha.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga kandi ko abavyeyi bafise uburyo ariko ntibakorere umwana agendana ubumuga ivyo abandi bana bakorerwa bazohabwa ibihano.

Iyo nteguro y’iryo tegeko yemejwe ijana kw’ijana.

Umushikiranganji NIVYABANDI yamenyesheje ko iyo nteguro izofasha ababijejwe gufata ingingo ziteza imbere ubuzima bw’abagendana ubumuga, mu kurwanya ikumirwa bakorerwa.

Martin NIVYABANDI avuga ko Reta y’Uburundi itegekanya gukora urusansuma ruzokwerekana igitigiri c’abagendana ubumuga mu Burundi. Urusansuma ruheruka rwerekana ko abarundi bagera kuri 4,5 kw’ijana bagendana ubumuga.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.