IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibinogo vyahambwemwo abantu benshi vyatanguye kwimbwa i Mwaro

Ibinogo vyahambwemwo abantu benshi vyatanguye kwimbwa i Mwaro

lundi 27 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Igikorwa co kwimba ibinogo vyahambwemwo abantu mu mwaka w’1972 catanguye mu ntara ya Mwaro. Umurwi CVR ujejwe kumenyesha ukuri hamwe n’ukunywanisha Abarundi niwo watungikanije ico gikorwa, muri uwo murwi bakavuga ko bazobandanya no mu zindi ntara z’Uburundi.

Ukwimba ivyo binogo bitangujwe inyuma y’aho hatorewe muri iyo ntara nyene amagufa y’abantu, mu kibanza cagira cubakwemwo inzu, muri komine Rusaka.

Ahimbwe kuri uwu wa mbere ni ku mutumba Gasenyi, komine Rusaka, ahari ikinogo rusangi bivugwa ko kirimwo abantu bishwe mu mwaka w’1972, bahambwa mu kinogo kimwe.

Mu murwi CVR bavuga ko nibaheza kwegeranya ibisigarira vy’amagufa basanga muri ico kinogo, bazoca bahamagara abanyagihugu kugira bahabwe akaryo ko gushikiriza ivyo boba bazi canke babonye ku mabi yabaye muri kahise, mu nyuma hakurikire igikorwa c’ugushingurana iteka ivyo bisigarira vy’abo bantu bagandaguwe.

Abanyagihugu b’aho muri komine Rusaka bakaba bamenyesheje kuri uwu wa mbere, ko muri ico kibanza cimbwe hoba hari ibinogo bigera kuri bine vyahambwemwo abantu mu kivunga.

Tania Delabard, umuhinga wo mw’ishirahamwe Croix Rouge, yanonosoye ibijanye n’ibinogo rusangi niwe ahagarariye ivyo bikorwa, agafashanya n’umurwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation).

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2017, Musenyeri NAHIMANA Louis arongoye umurwi CVR yamenyesheje ko ivyo bisigarira vy’abantu bizoshinguranwa iteka, mu buryo bubereye kandi bushobora kuremesha n’imiryango y’abo bantu bahambwe mu kinogo kimwe.

IGIHE

Messages

  • Irementanya.com! Nkurunziza Peter imyaka amaze ku butegetsi yose ivyo binogo ko atari yaravyimvye ngo ashakemo benewabo? Mbe ubu niho avyibutse? N’iki gitumye abikira kuri ubu?

  • EWESHA TWARI TWARARIWE NAMUJERI, GUKUBITWA UMUPANGA NUMUTUTSI, OYAKWERI, BAZE BASUBIRE, IMANA YOMWIJURU NICO CABONA. MUZOCE MUSIMBIRA MURI GITEGA, MUDUHAMBIRE DATA WACU YISHWE NA BIKOMAGU MURI 1993, IVYO NATWE TUZOVYIVUGIRA, TWARABIBONYE. EWME IMANA ISHIMWE, BARI BAGERAGEJE KUTUMARA. SHA BAZE BASUBIRE, TURASAVYE NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU ADUHURUHUSHA DUHIGE TWIVUYE INYUMA BARYA BAGITERA IGERE TUBARUNGIKE NABO KWIMBA OR IMUSONGATI

  • Umutego mutindi uhitana nyirawo,ibisigarira vy’amagufwa vyambere vyatowe biboneka ko arivyo muri 2015,abo bose bari ku gatwe ka Peter Nkurunziza

  • turasavye reta ishireho umusi tuzohora twibuka ihonyabwoko ryo72 ryakorewe abahutu

  • ivyobinogo nibabirabe babahambe muga baduhe hndishi yakababaro kukonajewesokuruwanje yahitanwe nivyi 1972 nonehobamatohoza ababikoze bagahanwa hisunzwe mategeko kuko ibibiterwanokudahana

  • Twebwe abatutsi twishe ibihutu byo mu Burundi nyine mu 1972

  • MURABESHA MUZOHINYUKA MBEGA ABOMWISHE MUMIRONGO 1993 KOMUTABAVUGA

  • Oya oya Kijambere ntuvuge Uko kirazira ntukishimire ko abantu papfa baba ari abubwoko ubu Cg ubu kuko mwese muri abantu b’imana . Ahubwo musabe ngo ntibibe intandaro yo kwicamo ibice Cg kwangana kuko ni bibi ahubwo musabane imbabazi mukomeze musenyere umugozi ntihakagire uwifuza ko mugenzi we yahora mu byago kuko umuntu ni nkundi .... Twe hano Iwacu I rwanda byarabaye abantu benshi baricwa bunyamaswa muri Genocide ariko ibyabaye byabereye isomo umunyarwanda wese kuko ntawe bitagizeho ingaruka . Nyuma kubwamahirwe tubona umuyobozi mwiza HE Paul Kagame afatanije natwe twese nkabanyarwanda turagira tuti never again ntibizongere kubaho ukundi. Ubu hano iwacu I Rwanda uhageze usanga abantu bose bakundana bafashanya baharanira iterambere ubu ikitwa umwiryane cyacitse mu banyarwanda . Icyo twashyize imbere ni UBUMWE AMAHORO AMAJYAMBERE niyo mpamvu wumva ngo ubu I rwanda ni Paradison . Nsoza ngira nti namwe barundi bavandimwe nimushyire imbere urukundo ,mureke umwiryane kuko intambara irasenya ntiyubaka . amahoro kuri mwese

  • Emw Nibavyimbe Barabe Aho Abacu Abatutsi Babahamvy.

  • Nimukore nkabikorera ubutungabukore ivyo bitama 1972 Mubikubite fimbocapa harimwo nakagame wugwanda

  • @Congo!ja kwivuza kwa le Gentil, ubwonko bwawe buraremvye,ariko Interahamwe mwabaye mute! nkubwo dossier yo muri 72 uyizanyemwo gute Nyakubahwa Kagame!

  • we wiyita paul kagame(Rwanda) uri ikigugu cane!!ndakugaye kabisa

  • Oya oya uyu wanditse yiyita Paul Kagame (Rwanda) ntago ariwe ahubwo nuwiyitirira Paul Kagame ahubwo abasenga musenge imana iborohereze kuko nko kwiyitirira umuntu nicyaha gihanwa n’amategeko kandi kigahanwa n’imana kuko uba ubeshye kandi nawe wiyitiriye uwo utariwe usabe imana ikubabarire nabandi bose bakora ayo makosa ntibizongere kubabaho ukundi . Gusa ge icyo nifuriza abarundi bose n’amahoro urukundo ubumwe amajyambere .naho ibyo muri gupfa nubusa kandi ntabantu bagapfuye ibyo bazasiga cyane ko naje gusanga ibyisi arigitangaza URUGERO: wambura umuntu ubuzima nawe bwacya ukamukurikira atanaguhamagaye ahubwo ukajyana umuvumo umusanganira 2-abantu barwanira ibintu uwitwa ngo arabibanyaze nawe bwacya akabisiga niba ari umugore asize akamusigira abandi niba ari imitungo asize ikazaribwa nabo yasuzuguraga . Ariyo mpamvu ngira nti abantu twere kwangana , twere gupfa ibyo tutazajyana Abanyarwanda n’abarundi bakomeze babe abavandimwe nkuko kuva kera byahoze kuko turibamwe ahubwo duharanire kubaka ibihugu byacu bikomeze bitere imbere ,,,,tuve munzangano . Kandi amahoro abane namwe mwese mufite umutima w’urukundo .

  • Ni vyiza gose, bandanya mu rondera ibindi binogo birimwo abantu bishwe muri 1972 kuko bikwiragiye mu bice vyose vy’ igihugu c’ iburundi nokubaza SIMBANANIYE ARTHEMON abereke iyo ivyo binogo biherereye.
    Abo bantu nu kubahabana icubahiro cyinshi hanyuma mugire ni vyibutso mu ntara cose z’ uburundi hanyuma muce mwibutsa ONU iri honyabwoko rya Bahutu bakorewe muri 1972.

  • M Bazohava Bamenya Hose Mb Cvr Yo Burya Ntakuntu Yoza Irashika Kumutumba Umw,umwe Kugira Babaz Abatama Baramvye Bakagira Ico Nabo Ico Babivuzeko.

  • MURUYIGI UVUYIMUREHE AHO BITA MUKINYABAKECURU ,UJABUTSE UMWONGA ,URENGANYE GATOYA IBARABARA RIDUGA KU MISIYONI MUKUBOKO KUBUBAFU UDUGA MUMUJI HAHAMBWE ABANTU BARENGA IBIHUMBI 5000 MURI 1972 HARIMWO UWITWA RUSIMBI ,MIBURO, CAMAMANDA BOSE BIMURIZA

  • AHUBWO NIMUGIRE NINGOGA MUJE MURI KOMINE BUTAGANZWA AHO BITA IMURIZA HARI IKINOGO CAHAMBWEMWO ABANTU BARENGA1000 HARIMWO UWITWA SIPRIANO MWENE MIBURO YATURUKA IBISINDE KABURO MWENE BIGANGO WAHO NYENE IMURIZA,DIREKTER NIKODEMU WAMASHURE YAHO NYENE IRUHANDE YICO KINOGO NIHO HUBATSWE IVULIRO RISHASHA MURICOGIHE 1972 HARIHO IGITARA CIMIKARATUSI ,HEPFO YAHO HARIHO UMUNTU YITWA DAUDI.

  • sha ego twoshima gwose mwoba mukoze cane gwose murakoze njewe nushima

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.