IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu vyiyamirije (...)

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu vyiyamirije ivyashikirijwe na FRANCE24

vendredi 19 Rusama 2017

Babicishije mw’itangazo ryateweko umukono na Ambassadeur Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, ivyo biro bimenyesha ko vyababajwe n’ibikorwa vy’ubwihevyi vyabereye muri komine Muha, iri mu gisagara ca Bujumbura , bugahitana abantu batatu , abandi bagakomereka.

Igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu Biro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko vyababajwe no kuba imboneshakure y’abafaransa FRANCE 24 yaragerageje gushigikira abakoze ubwicanyi ,mukuvuga ko abishwe bari mu murwi w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi bakoresha ibirwanisho(milices).

Igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu bikanegura ingene imboneshakure y’abafaransa France 24 yakoze iyo nkuru, itubashe imiryango yabuze abayo,itubashe igihugu ,n’ inzego z’igihugu .

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu birahoza imiryango yabuze, bikipfuriza abakomeretse gukira vuba.

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Ambassadeur Willy NYAMITWE.

Abanywanyi batatu b’umugambwe CNDD-FDD bishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 17 Rusama,umwaka wa 2017 batewe grenade muri Zone ya Musaga, Quartier Gikoto, iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Messages

  • Turahojeje Imiryango Yabuze Iyo Mboneshakure Yabafaransa Nayo Turazi Ko Itoreka Kudutamba Kumuvyimba Kuko Ubufaransa Hamwe Nububirigi Nibo Babitse Abicanyi Bashaka Kutumara Muga Imana Iratubona Vyose Izobishira Kumugaragaro Kuba Urimumugambwe C.N.D.D.F.D.D Bavyita Kuba Umwicanyi Babibwigwa Nababandi Bagumura Igihugu Muguturira Abantu Mugutera Amagerenade Mumasoko None Ubu Baraburaniwe Bariko Bita Abandi Ngo Nibobicanyi ?Ha Mana Gira Ico Ukoze Uhindure Imitima Yabobantu

  • Murabesha izo mbonerakure hamwe na ba Sebuja intahe izobokera kurayo maraso mwirirwa murasesa! Izo mbonerakure zishwe na mugenzi wazo barenganije kuvyo bari bavuye gusahura!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.