IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV vyasubiye gushingurwa i Meryin mu (...)

Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV vyasubiye gushingurwa i Meryin mu Buswise

lundi 15 Rusama 2017

Ingingo yo gusubira gushingura ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV yafashwe na Sentare y’igihugu c’Ubuswise ,yisunze ko umwami Mwambutsa IV yasize atanze itegeko ryo kudasubizwa mu gihugu yatwaye ,akakivako kubera indyane ziri hagati y’amoko.

Ikibanza coshingurwamwo umwami Mwambutsa IV cateye impari,kuko mu muryango bose batabona kumwe ibijanye n’igihugu yoshingurwamwo.

Mu mwaka wa 2012 ,umukobwa mukuru w’umwami Rosa Paula Iribagiza yashigikiye ko ibisigarira vya se vyozanawa mu Burundi kugira bishingurweho avuga ko vyofasha kugira abarundi basubize hamwe,ariko ku rundi ruhande mwishwa w’umwami Esther KAMATARI avuga ko umwami aguma ashinguwe mu Buswise kubera yasize avyisabiye.

Umwami Mwambutsa IV yabaye umwami w’Uburundi imyaka 51 ku ntwaro y’abadagi n’ababiligi ,imbere y’uko ahungira i Genve mu gihugu c’Ubuswise mu mwaka w’1967.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.