IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa 4 vyagumijwe i Genève mu Buswise

Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa 4 vyagumijwe i Genève mu Buswise

mardi 2 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubugutungane bw’igihugu c’Ubuswise bwasomye kuri uwu wa mbere ingingo yafashwe ku mpari zari zahari z’uko ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa 4 vyotahukanwa gushingurwa mu Burundi canke bigashingurwa i Genève mu Buswise aho yapfiriye. Sentare yategetse ko uwo Mwami w’Uburundi yoshingurwa mw’itongo ry’abapfuye i Meyrin mu gisagara ca Genève, mu Buswise, nk’uko yari yavyisabiye mu rwandiko yasize yanditse (Testament) imbere y’uko yitaba Imana.

Reta y’Uburundi, iri kumwe na bamwe mu ncuti z’uwo Mwami, yari yasavye ko ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa 4 vyotahukanwa gushingurwa mu Burundi, kuko yabaye umwami w’Uburundi, akaba adakwiye gushingurwa mu mahanga.

Umuganwakazi Esther KAMATARI yariyamirije ivyo vyasabwe, ashikiriza ko uwo Mwami ategerezwa kugumizwa mu Buswise, nk’uko yavyisabiye atarasandaba. KAMATARI yaciye yitura ubutungane.

Ibisigarira vy’uwo Mwami, vyari bimaze imyaka itanu (kuva mu mwaka w’2012), bizuwe mw’itongo ry’abapfuye mu kurindira ingingo y’ubutungane.

Ubutungane bwategetse ko umwami Mwambutsa wa 4 yosubizwa mw’itongo ry’abapfuye i Meyrin mu gisagara ca Genève, akaba ariho ashingurwa.

Umwami Mwambutsa wa 4 yakuwe ku ngoma mu mwaka w’1966, inyuma y’imyaka 50 yari amaze atwara Uburundi. Akuwe ku butegetsi, yahawe ubuhungiro mu gihugu c’Ubuswise, ari naho yapfiriye mu mwaka w’1977. Mu rwandiko yasize yanditse, yasavye ko atotahukanwa gushingurwa mu Burundi.

Andrea Rusca, umushingwamanza wa Esther KAMATARI umwishwa w’umwami Mwambutsa wa 4 avuga ko bibabaje kubona ibisigarira vy’uwo Mwami vyari bimaze imyaka igera kuri itanu bizuwe, ku bwiwe akavuga ko ico gikorwa c’ukumukura mu cobo cari kurindira ingingo ntabanduka y’ubutungane, hagati y’impande zibiri zitavuga rumwe ku kibazo c’uko yotahukanwa mu Burundi canke akagumizwa i Genève mu Buswise.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.