IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibivuko bitatu nivyo Uburundi butegekanya kwubaka ku mfashanyo ya Banki (...)

Ibivuko bitatu nivyo Uburundi butegekanya kwubaka ku mfashanyo ya Banki y’isi yose

jeudi 2 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yatanguye kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, ihuza abaserukira ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika, kugira igihugu kimwe cose gishikirize imigambi yaco, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe gutwara abantu n’ibintu, Jean Bosco NTUNZWENIMANA yamenyesheje ko imigambi nyamukuru Uburundi bufise igizwe n’ugutegura inyubako zijanye cane cane n’uguhanahana ibidandazwa, nk’akarorero inyubako zijanye n’amabarabara, inyubako zijanye n’ibivuko, inyubako zijanye n’amabarabara y’indarayi, hamwe n’ibijanye n’ugutwara abantu mu kirere. Muri iyo migambi, Uburundi butegekanya kwubaka ibivuko bitatu mu ntara zitatu nyene zegereye ikiyaga Tanganyika.

"Uburundi butegekanya kwubaka ikivuko ca Bujumbura, imigambi irahari, hamwe n’ugushiraho ibijanye n’ugukora ubwato (Chantier navale). Ivyigwa vyaraheze ku kivuko c’I Bujumbura n’ica mpurungu. N’ikivuko ca Rumonge kiri mu bizokwubakwa, ivyigwa bikaba biriko birakorwa. Ikindi kivuko twipfuza kwubaka ni ica Kabonga mu ntara ya Makamba, ivyigwa vyaramaze gutangura. Ivyo nivyo bitatu nyamukuru dufise mu Burundi, twipfuza kwubaka ku muhora w’ikiyaga Tanganyika"

JPEG - 32.5 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu

Muri iyo nama y’iminsi ibiri, umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA avuga ko ico Uburundi burindiriye ari uko imigambi nyamukuru ikomakomeye yoshikirizwa n’Uburundi hamwe n’ibindi bihugu Uburundi busangiye na Tanganyika, kugira ishobora kuja mu migambi yemewe na Banki y’isi yose. Niho ivy’ugutwara abantu n’ibintu mu kiyaga ca Tanganyika vyoshobora gutera imbere cane, nk’uko vyemezwa n’uwo mushikiranganji.

"Tudashizeho izo nyubako, tudashizeho ivyo vyose bishobora gutuma imigenderanire mu kiyaga ca Tanganyika igenda neza, ibidandazwa ntidushobora kubironka ku mafaranga makeyi.", uko niko umushikiranganji NTUNZWENIMANA asigura.

Muri ayo mafaranga imiriyoni amajana atandatu azotangwa na Banki y’isi yose, imiriyoni amajana atanu z’amadorare zizokoreshwa mu migambi y’ugutwara abantu n’ibintu, imiriyoni ijana nazo zikoreshwe muvyo gukingira ibidukikije mu gutunganya neza amazi y’ikiyaga Tanganyika.

Isoko ry’ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika ririmwo abantu bagera ku miriyoni 50 bo mu bihugu bikurikira : Uburundi, Tanzaniya, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, hamwe na Zambiya.

Imiriyoni zitatu z’ibidandazwa nizo zinjira mu Burundi ku mwaka, biciye ku muhora wo hagati (Corridor central), ku kiyaga Tanganyika. Dieudonné DUKUNDANE, umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuhora wo hagati, atanga umwizero ko iyo migambi imaze gukorwa neza, ivyo biharuro bizokwiyongera, kuko abarwizatunga bazoba boroherejwe, n’ibiciro vy’ibidandazwa bigabanuke.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.