IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi c’Uburundi nticitavye ubutumire bw’inama i Kigali

Igiporisi c’Uburundi nticitavye ubutumire bw’inama i Kigali

vendredi 24 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi nticaserukiwe mu nama y’ihuriro ry’abakuru b’igiporisi bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (EAPCCO), yabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda kuva kuwa 21 gushika kuwa 22 Ruhuhuma 2017.

Iyo nama igira gatatu mu bijanye n’ukurwanya iterabwoba, ya EAPCCO (The Eastern Africa Police Chiefs Cooperation Organisation (EAPCCO) yabaye Uburundi budaserukiwe, mu gihe hari n’abashingamateka batanu muri icenda baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko bamaze kumenyesha ko batazokwitaba ibikorwa vy’iyo nama nshingamateka bitegekanijwe i Kigali mu ntango z’ukwezi kwa gatatu. Abo bashingamateka batazokwitaba iyo nama ni Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.

Morris Muligo, umukuru w’umurwi wamaho ujejwe gutunganya ibikorwa vya EAPCCO yamenyesheje ko Uburundi bwanse kwitaba ubutumire, ariko akaba ata zindi nsiguro yatanze.

Ihuriro rya EAPCCO ryatangurijwe i Kampala mu gihugu ca Uganda, mu mwaka w’1998, rigahuza abakuru b’igiporisi bo mu bihugu vya : Burundi, Uganda, Kenya, Tanzania, Rwanda, Seychelles, Sudani, Sudani y’Epfo, Ethiopia, Eritrea, Djibouti, Comoros hamwe na Somalia.

JPEG - 393.4 ko
Abayobozi b’igiporisi bo mu bihugu bigize Afrika y’ubuseruko bari bitavye iyo nama yabereye i Kigali

Ibikorwa vya EAPCCO bigizwe ahanini n’uguhana ivyaha ndengambibe mu gukorana n’igiporisi mpuzamakungu ca Interpol mu kurwanya ubugizi bwa nabi, iterabwoba, urudandazwa ry’abantu, ubusuma bw’imiduga, hamwe n’amasezerano y’uguhanahana abagizi ba nabi baba bahungiye muri kimwe mu bihugu bigize iryo huriro.

Ubuserukizi bwa EAPCCO bukamenyesha ko mu mwaka w’2016, abantu bagera ku 4500 aribo bashikirijwe ibihugu vyabarondera, bakaba bari bahungiye muri kimwe mu bihugu bigize uwo muryango. Ivyo vyose bigakorwa kugira mu karere ivyo bihugu birimwo higanze umutekano.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yatanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015, igihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashirwa imbere n’umugambwe CNDD FDD kugira awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakaba bariyamirije ukwo gusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, kuko bavuga ko kunyuranye n’amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Igihugu c’Urwanda caciye cagirizwa n’Uburundi ko gishigikiye kandi gikorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura, mbere ico gihugu kikagirizwa kandi ko gitanga inkoho, imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n’inzira ku baza gutera Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Bakoze kutaza abo bicanyi ubundi igiporisi cyuburundi cyazaga gukora iki I Kigali? Bamaze kutaza rwose u Rwanda nta kaze rwaha igiporisi kica abo gikwiye gukingira igiporisi kirimo interahamwe

  • kwiymama ijejwe guhanahana inkozizikibi abakoze kudeta kobari mugwanda ugwanda gwabafashe? barungitwi burundi? niyombare bamuzanye nabobafatanije tubwire ko bamushikanye ibujumbura tuje kumuraba!

  • bojayo gute ko baneye aho batema?

  • Kurijewe ndabashimiye kubabatitavye iyonama yabereye mu Rwanda kubera mfise impamvunyishi mbere reka ndababwire zimwe:

    Mubihugu vyomuri Africa igihugu curwanda kiri mubishigikiye kandi bigakora iterabwoba isubaryaka.

    Igihugu curwanda umukuruwaco Kagame yarivugiye neza ko umwanya wamubanyemuto ko impuzi zabanyarwanda zarizahungiye Congo (Zaire) kwatarikwiye kwica ngwasigaze numwe, yabivuze izuba ryaka.

    Igihugu curwanda umwe muba Colonel yitwa Karegeya yariyarahungiye SAfrica amazekwicwa hataranenyekana abamwisheneza umukuru wu Rwanda Kagame amazekwumva hariho bamwe mubanyarwanda bidoga bavugango harikwoharavurwa ngokubutegetsi bwurwanda arirworwishe Col Karegeya ngokandi arukurubeshera, Kagame wenyene ubwiwe yavuze nijwirirenga ko atawundi yarikubibakorera ngoniwe yamwishe muyandimajambo.

    Urwanda umukuru warwo Kagame niwe yavuzeko azocahasi canke hejuru ngombere nomumazi ngwariko yice uwari prezida wa Tanzania, yabivuze izuba ryaka.

    Urwanda umukuru warwo Kagame, niweyatanguje imvugo yihoyabwoko muburundi acavugako atazobaza numuntunumwe ngimujuja kuritanguza nuburundi mwarabonye ivyoyakoze ukuntu yirengeje abarundi barenga 500 ivyoyabikoze izubaryaka mugutegura ababikora nokubarungika nububamwe baracabiswe nubutungabe bwu Burundi.

    Kuberanzi ko namwe mumuzi zinobabdanya nandikavyishi kukobirahari ngiranwabonye konahereye nohagati njanjagura.

    Ukondabibona harihakwiye kubahubwo ninama yokwigiramwo ivyogukebura canke kumuha gasopo agezaho ariko kurijewe mbonayaranaze kurungura kubimukuramwo nibaza kobitazokworoha kiretse inzira imwegusa isigaye nubwo atarinziza kubene gihugu curwanda nababanyi.
    Ariko nubundi bitebebitebuke nubwo mwonureka wewe ntakibuza azobakwegeramwo akarambaraye.

  • Ubundiho mu Burundi turafise igipolisi ko dufise Imbonerakure na FDLR!!! Wumva izo nterahamwe zirirwa ziranywa amaraso ya Barundi zoja munama gute!!! Na Sebuja ( Le footballeur) ntakirenga imbibe z’igihugu yama aturatura hagati mugihugu!!! Nibareke abafise Police bagire Inama, hama izomburakimazi zigume zinyegeje!

  • Eeee! Ababikurikiranira hafi babonyeko bidakeneweko bokwitaba iyo nama ntibiba bikenewe nyene. Kuko igihugu cuburundi ubu kirapanze neza.

  • Igi porisi cahani wacu ntabwo cokwubahuka kwitaba iyonama, ati kuki? Porisi yahano isazwe ikorana numurwi wi terabwoba wi mbonerakure, biragoye kwubahuka imbere ya banyacubahiro!! kuko ntiboronka nicobashikiriza imbere yabandi. Abantu birirwa baragandagurwa nico giporisi cataye umurongo, kandi kwi taba bishobora kubagora kuko mubakoze ivyaha dengakarimbi, batora inomero ya mbere, icambere, kwica abantu aruko babanje kubahimbura ibihimba vyirondka, 2 gufata abigeme na bakenyezi kunguvu, ca3 guteri shinge ziri mwubumara abo baba bafashe, ca 4 nubusuma bwogusahura abenigihugu bakoreshe iterebwoba, kubwivyo mumirwi yiterabwoba barimwo.

  • Police y’u Burundi ntaco bojanyeyo muriyo nama uretse ubusuma n’ubwicanyi

  • Hhaahh ngo ntibagiye mu Rwanda munama, bajaneyo iki?ubusuma?nizera Police y’u Rwanda yoca ibapfunga,vive le Rwanda

  • vyerekana ko uburundi nu rwanda vyinubana nibareke kujayo ntaco bitumariye

  • Ko batitavye ijyo koraniro se ntijyabaye? Aba dd murantwenza gose ngaho mugume murifungiye mugihugu tuzoraba inyungu mwa njiji mwe

  • Eeeh Kumbe Nivyo Gufata Abagizi Banabi Bahungiye Mwivyo Bihugu Vyaho Hakurya Vyarimwo? Nimba Uburundi Mubutumira Nkuko Mubwemera Kwari Leta Atari Iyaniyombare Nimubanyarutse.

  • @Wakera.Bakoze neza kutajyayo kuko urwanda rucumbikiye za Mujeri zasize zituriye abarundi n’imipine muri 2015. Nawe petit mujeri(Wakera) turazi ko uri i Mahama. Kandi uri umwe mubasize bihaye inganda i Burundi.

  • EMWE BIHORUBUSA NI BEMERE

  • Iyo Nama Ntaco Yarimaze Kuko Yaberëye Mugihugu Gishigikiye Abakora Iterabwoba Kuko Abakoze Amabi Bose Muburund Barirwand Nibaduhe Barabe Ko Tutayitaba Ko Iryohuriro Ko Ryasubije Ibindi Bihugu Inkozi Zibibi Muburundi Mwasubije Zingahe Nibere Ahandi Tuzoyitaba Tuzane Ibirego Vyacu Turege Urwanda Nubu Muvuge Tubahe Amazina Yabicanyi Baronderwa Nubutungane Baraho Murwanda Ngo Tujeyo Neva

  • Abajejwe Gutumako Izonama Nibahindure Ikibanza Arimurwanda Ntamurundi Azokandagirayo Woza Kwicarakumuhana Wabipfurizuburundi Koburwamwisanganya.Ingabozacu Bagomba Kozitaba Nibashire Tanzaniya Batipfuza.Ingwano.Muburundi Nayurwandantiturwizeye

  • Ariko iyo izakuba inamayaba FDRLcanke yogutahura impunzi kugira muzimarire kubuhomba mwari kwihuta!arikontaco.ngo ntamutekano babonayo?izontozo ziruta abagiyeyo?

  • Mubisanzwe ntibikenew ko.uburundi bugiranira imigenderanire uyo mumenja kagame akirimuzmuzima kuko uwo n.umukoshi wa mwakuyu

  • BATINYA KUBURA UKO BASOBANURA AMAFUTI BAKORERA ABARUNDI, NONE KO MURI YA NAMA YA AU BAJE? NTIYARI YABEREYE KIGALI? MUTEYE ISONI KUKO MUSIGAYE MUTINYA KUJA AHO ABANDI BAGABO BARI KUKO NTACO MUBA MUTWAYEYO! Ni hahandi inama izoba.

  • Police y’u Burundi ntaco yoterera munama z’abashingantahe, nayo irafungiranye, yabaye nka Shebuja Peter Nkurunziza

  • Nibareke umugabo atari ubwoba yishwe n’abahumbizi aha birenze bobaha bwaburozI bwabo ikindi kandI kuva aho uburundi bwagasabiye u Rwanda gutanga abo baronderwa nubutegetsi bw’uburundi havamwo ahubwo kurungika abaza kwica ababategetsi ntakiza cari kuvamwo uretse ko Imana ari umuvyeyi Burundi bwacu IMANA yabuduhaye ibudutungire ntakuzera amaso abohanze nabo kutwica gusa nfise ikibazo igihe bica president Ndadaye ivyo bihugu ntivyari bihari?bakoze iki?

  • Ariko uyu mu type wiyita wakera ni intagondwa!!! Uwamunyereka gusa maze nkamuvanamo amajigo. Naho kuba se yaramaze abahutu i Burundi 72 ni ibintu yagombye kubazwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.