Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiterwa c’umuceri kigiye kugarukirwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiterwa c’umuceri kigiye kugarukirwa

Igiterwa c’umuceri kigiye kugarukirwa

mardi 27 Munyonyo 2012

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaratunganije inama ku ndwi iheze. Intumbero yari iyo kurabira hamwe ingene hotunganywa imigambi mishasha y ‘uguteza imbere igitegwa c’umuceri kugira ngo abarimyi baronke akarusho, ukubumgabunga isindimwa n’ukugwiza umwimbu kugirango umuceri wimbuka mu Burundi wongerekane.

uwuserukira ikigega mpuzamakingu FIDA mu Burundi Haidara Hamed yari yitavye iyo nama. Yaramenyesheje ko Fida ishigikiye umwitwarariko wa reta wo kugwiza umwimbu w’umuceri . Ivyo ngo bizofasha cane abanyagihugu kuronka ivyo bafungura bikwiye, gutyo u Burundi buronke n’umwimbu w’umuceri bushorera mu bihugu duhana imbibe .

Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko u Burundi bufise imyonga n’ibiyaya vyoshobora kwimbukamwo umceri mwishi cane mu gihe vyokoreshwa neza. Kubwa Haidara, ngo ivyo bizoshoboka mugihe abarimyi b’umuceri bazoba bafashwe mumgongo kandi hagatezwa imbere ubuhinga bwo kurima ico gitegwa , mukwubaka n’ukugwiza ingomero z’umuceri zubatswe kubuhinga bwackijambere hamwe no guhimiriza abanyagihugu kwijukira kurima ico gitegwa.
FIDa yamenyesheje ko izoshigikira uwo mwitwarariko wa reta mugushigikira imigambi yo kwubaka ingomero z’amazi azovomera imirima y’umuceri.

Umushikiranaji Odette Kayitesi ajejwe uburimyi, kubwiwe ngo ukugurira hanze y’igihugu umuceri bituma reta ihahombera amafaranga menshi yokoreshejwe mugutunganya iyindi migambi y’iterambere. Yavuze kandi ko u Burundi bufise isi ndimwa yimbuka cane, ngo mugihe yokoreshwa neza umwimbu wokwira abarundi bose hakaboneka n’umusesekera. Ni muri iyo ntumbero reta y’u Burundi ifashwe mumugongo n’abayifasha mu migambi y’iterambere,yafashe umugambi wogutunganya icigwa kizokwerekana iringanizwa gushasha ry’uburimyi bw’igitegwa c’umuceri,ivyo vyigwa bikazogigwa mu gihugu cose.


Mugisha V.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.