IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwizero wari watanzwe ku bukene bw’igitoro wamaze akanya gato

Umwizero wari watanzwe ku bukene bw’igitoro wamaze akanya gato

mercredi 31 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gisagara ca Bujumbura, iyi ndwi yatanguranye n’ubukene bw’ico gitoro, aho kibonetse naho hakaba hari imiduga umurengera w’abakirondera.

Ico gitoro kibuze mu gihe ata minsi myinshi yari iheze ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwijeje ko ikibazo c’igitoro kigiye gutorerwa inyishu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2017, Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu yagize ati :

"Nagira ndabahumurize ndababwira ko igitoro kigiye gufata inzira nziza yo kwinjira mu gihugu, hanyuma turabe ko dusubira mu bihe nk’uko twari tumeze mu Burundi."

JPEG - 48.5 ko
Come MANIRAKIZA, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu

Ubwo bushikiranganji bwasubiriye kandi kwizeza abarondera igitoro ko bagiye kukironka. Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri, Damien MPITABAKANA, umuyobozi ajejwe ivy’igitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, yasiguye ko imirongo miremire y’imiduga imaze iminsi ibiri yibonekeza mu bibanza bidandarizwamwo igitoro, iterwa n’ikibazo c’uko imiduga (Camions) itarapakururwa, iyo miduga ikaba ari iyazanye igitoro mu mpera z’indwi twaraye dusozereye.

Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko umwanya uwariwo wose ico kibazo c’ubukene bw’igitoro casubiriye kwibonekeza gishobora kuba catorewe inyishu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.