Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiturire kiracavugwa mu bihugu vya EAC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiturire kiracavugwa mu bihugu vya EAC

Igiturire kiracavugwa mu bihugu vya EAC

mardi 27 Munyonyo 2012

Mu bihugu bigize umuryango wa afirika y’buseruko EAC haravugwa ibijanye n’igiturire gitangishwa abantu baba bakuye ibidandazwa muri ivyo bihugu. Abadomwako urutoke ni abapolisi bakorera ku mipaka, abari kuri douane nahandi hari amabariyeri.

Icigwa cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya igiturire TRANSPARENCY INTERNATIONAL rifadikanije n’iry’abaguzi mu burundi ABUCO cerekana ko abagwizaatunga batanga igiturire kugira ibidandazwa vyabo binyaruke kurengana. Nayo ku bagendesha imiduga izana ivyo bidandazwa ngo bituma bashika kare kugira bashobore gusubirayo ningoga kuzana ibindi bidandazwa.

Abagwizatunga batangishwa ico giturire imyidogo ni myinshi kuko ngo barahahombera cane kuko batanga amahera ataho yanditswe mu mategeko.
uwashikirije icigwa Ngerageze Deus yarekanye ko abakora urudandazwa muri ivyo bihugu basabako amategeko aborohereza yofatwa n’abajejwe intwaro muri ivyo bihugu. Ikindi basaba kugabanya igitigiri cabasuzuma ku mabarabara, gushiraho ubuhinga bwa none kugira akazi kanyaruke eka ngo ivyo bihugu bigize uyo muryango bigakorera ku mategeko amwe.

Ico cigwa cerekana ko igihugu kiza ubwambere cane cane mu gutangisha ibiturire bitobito mu bayobozi ari u Burundi, igihugu naco gitangwa ko akarorero mu kugabanya bimwe biboneka igiturire ni u Rwanda


Jean Marie Mayonga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.