IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikawa yari itwawe mu Rwanda yafashwe

Ikawa yari itwawe mu Rwanda yafashwe

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo kawa yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu. Abayifatanwe ni abagabo batandatu aribo Nyandwi Gervais, Nizeyimana Audace, Mizero Therence, Nizigiyimana Jean, Ndereyimana Paul hamwe na Nsengiyumva Boniface.

JPEG - 174.2 ko
Abafatanwe ikawa yari itwawe kudandazwa mu Rwanda

Abo bagabo bafatanwe iyo kawa baciye bashikirizwa Parake ya Kayanza kugira ibacire urubanza.

JPEG - 123.3 ko
Iyo kawa yafatiwe muri komine Kabarore

Egide NDUWIMANA

Messages

  • n’ibara kubona hari abarundi bataravavanura n’ingendo ya fraude kandi haheruka gufatwa ibitenge bivuye muri congo . Abashinzwe gucungera umutekano kumbibe z’igihugu cacu bokwama barikanuye kugira batuze fraude na canecane mw’ijoro kuko fraude isubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu nanyaburya iyo kawa yacu y’akanovera ifitiye akamaro igihugu.Nibabahane vy’akarorero kugira nabakibitekereza babihebe.

  • Ikibabaje n’uko u Rwanda rusigaye ruvuga ko ikawa y’akanovera irangwa mu Rwanda kandi iyo lawa berekana mu makungu iba yavuye mu Burundi. Co kimwe na minerais zimwe zimwe: izo u Rwanda rushira imbere n’iziba zavuye mu Burundi.

  • NDASHIMIYE CANE ABAJEJWE IMBIBE IMANA IBAHE UMUGISHA . ABO BAFASHWE NABANSI BITERAMBERE RYUBURUNDI NIMUBAHANE NIKO KAZI KANYU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.