IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza c’umuhuza w’Abarundi mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha

Ikibanza c’umuhuza w’Abarundi mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha

samedi 23 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngingo ya 243 bavuga ko Umuhuza w’abanyagihugu na Reta yakira ibirego vy’abamwituye agatohoza ivyerekeye amakosa yakozwe mu gutunganya ivy’igihugu n’ugutyoza agateka k’abanyagihugu vyakozwe n’abakozi ba Reta n’abakora
mu vy’ubucamanza, ibikwiye gukosorwa akabimenyesha abategetsi babifitiye ububasha.

Uwuba yagenwe mu mabanga y’umuhuza arahuza kandi abajejwe intwaro n’abanyagihugu, ubushikiranganji n’izindi nzego z’ubutegetsi kandi agashinga ijisho ingene inzego nshingwantwaro zikora.

Ibwirizwa niryo ritomora ingene imirimo y’Umuhuza w’abanyagihugu na Reta iringanijwe n’ingene arangura amabanga ajejwe.

Ingingo ya 244 ivuga ko umuhuza w’abanyagihugu na Reta aronswa ububasha n’uburyo bukwiye kugira arangure neza amabanga ajejwe.

Uko umwaka utashe, umuhuza arashikiriza Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka icegeranyo c’ivyo yaranguye. Icegeranyo ciwe kiratangazwa mu
Kinyamakuru c’ibitegekwa mu Burundi.

Ingingo ya 245 ivuga ko Umuhuza w’abanyagihugu na Reta agenwa n’Inama
Nshingamateka yemejwe n’ibice bitatu vya bine vy’abayigize. Igenwa ryiwe ribanza kwemezwa n’ibice bibiri vya bitatu vy’abagize Inama Nkenguzamateka. Ikiringo amara muri ayo mabanga ni imyaka itandatu kandi ntashobora kwongerwa ikindi kiringo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.