Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigega FIDA congereje imfashanyo gushika ku miliyoni zirenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigega FIDA congereje imfashanyo gushika ku miliyoni zirenga (...)

Ikigega FIDA congereje imfashanyo gushika ku miliyoni zirenga 300

dimanche 25 Munyonyo 2012

Ikigega mpuzamakungu giteza imbere uburimvyi FIDA kimenyesha ko kizokongereza imfashanyo cahora giha u Burundi kuva ku milioni 150 y’amadolari gushika ku milioni 300 mu mwaka uza w’2013. Iyo mfashanyo izoja ahanini mu guteza imbere urwaruka rwo mu gihugu hagati.

Amakuru dukesha ikimenyeshamakuru Afriquinfos avuga ko uwuserukira ikigega FIDA mushasha mu Burundi M.Haidara yabimenyesheje ku munsi wa kane italike 22 z’uku kwezi ahejeje kugirana umubonano n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza.

Yavuze ko umubonano ahanini wahagaze ku kuvugana n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihuguivyerekeye guteza imbere igisata c’uburimyi ,guca hirya no hino aho FIDA yofasha kugira abanyagihugu bave mu bukene barimwo. Yavuze ko imfashanyo izokongerekana kuva ku mafaranga imilioni 150 y’anmadolari igashika ku milioni 300 ku mwaka uza w’2013.

Yongeye ko ati ‘’Ikigega FIDA nico catowe kugira cegeranye imfashanyo zose zerekeye umugambi wo guteza imbere uburimyi mu Burundi kuva mu mwaka w’2012 gushika mu mwaka w’2017’’.

Ikigega FIDA gisanzwe gifasha mu Burundi imigambi itari mikeya ikomeye harimwo uwo gusubiramwo kunagura igisata c’ubworozi, uwoguteza imbere uburimyi hamwe n’uwo kunagura uburimyi n’ubworozi birikumwe. Uretse ivyo, uwuserukira FIDA mu Burundi azokwemeza umugambi wo gufasha urwaruka rwo hagati mu gihugu mu kwezi kwa Kigarama uyu mwaka.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.